Site icon Rugali – Amakuru

VOA: Ijwi ry' Amerika baratubwira iby'urupfu rwa Amb. Jacques Bihozagara

Amb. Jacques Bihozagara Yaguye muri Gereza ya Mpimba
Jacques Bihozagara yahoze ar’umutegetsi muri reta y’u Rwanda, ku musi wa gatatu yaritavye umuremyi ari mw’ibohero rya Mpimba, I Bujumbura.
Inyuma y’aho urupfu rwiwe rutangarijwe, haranditswe amakuru anyuranye ku mbuga mpuzambaga. Ikindi kandi, urupfu rwa Bihozagara rushitse mu gihe imigenderanire hagati y’Uburundi n’u Rwanda itifashe neza.
Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’Uburundi bujejwe ubutungane, yarahaye ikiganiro Ijwi ry’Amerika ku vyerekeye urwo rupfu hamwe n’ibiriko birakorwa kugira ngo icamwishe kimenyekane.

Sylvestre Nyandwi k’urupfu rwa Bihozagara

U Rwanda narwo ruvuga ko rurindiriye kumenya ibizova mu gipimo ca “autopsie” co gusuzuma icishe Bihozagara. Umuyobozi w’ibiro vyo mu bushikiranganji bw’u Rwanda bujejwe imigendenderanire no gufashanya n’amakungu, Eugene Ngoga, mu kiganiro yahaye iradiyo Ijwi ry’Amerika, aratgangura avuga ukuntu u Rwanda rwakiriye urupfu rwiwe.

Eugene Ngonga k’urupfu rwa Bihozagara

Ambasaderi Jean Marie Vianey Ndagijimna yigeze kuba umushikiranganji w’igihugu c’u Rwanda ajejwe imigenderanire, yakoranye na Ambasaderi Bihozagara. Yaravuganye na Radiyo Ijwi rya Amerika, aratangura avuga ukuntu yaramuzi.

Ambassaderi Ndagijimana wakoranye na Bihozagara
Source: http://www.radiyoyacuvoa.com/content/rwanda-burundi-bihozagara/3263372.html/div>
 
Exit mobile version