Site icon Rugali – Amakuru

Victoire Ingabire yahaswe ibibazo ku gitero cy’i Kinigi – Musanze

Victoire Ingabire

Umukuru w’umugambwe utaremererwa gukorera ahabona mu Rwanda, FDU Inkingi, Victoire Ingabire, yabwiye BBC ko yahaswe ibibazo n’ibiro bijejwe iperereza mu Rwanda RIB.

Madamu Ingabire yavuze ko yabajijwe ku vy’igitero c’i Kinigi na Musanze bivugwa ko cagabwe n’abantu bitwaje ibirwanisho, bagasahura bakanica abanyagihugu.

Igipolisi c’u Rwanda casohoye itangazo kimenyesha ko abateye ari “abagizi ba nabi bishe abantu umunani, batandatu muri bo bicishijwe intwaro gakondo naho babiri bararaswa”.

Vicotire Ingabire yabwiye BBC ko yasubije abamuhase ibibazo “ko ataho ahuriye n’ico gitero kandi ko ata mutwe w’itwaje intwaro afise”.

FDLR yaravuzwe

Ico gitero kikiba abaturage bavuze ko bakeka ko ari inyeshamba za FDLR zaturutse mu Birunga.

Ariko FDLR ntaco iratangaza gushika ubu kuri ivyo vyavuzwe n’abo baturage.

Abaturage kandi bavuze ko habaye imirwano n’abasirikare b’u Rwanda, abo bateye bagahungira mu mashamba y’ibirunga.

Aloys Niyibizi, umuyobozi w’umurenge wa Musanze hamwe mu habereye ubu bwicanyi, yabwiye BBC ko abateye ari abantu barondera ivyo kurya.

Exit mobile version