Site icon Rugali – Amakuru

Valéry Giscard d’Estaing yahoze arongoye France yapfuye azize Coronavirus

Yapfuye ku wa gatatu azize coronavirus akikijwe n’umuryango wiwe ku muhana iwe, hagati mu Bufaransa.

Uwo munyepolitike yari ashigikiye ko Uburaya buja hamwe, Giscard d’Estaing yaroroheje amategeko agenga ukwahukana, gukorora imbanyi no gufata imiti yo kwikingira imbanyi mu myaka indwi yamaze ku butegetsi.

Prezida Emmanuel Macron yavuze ko ubutegetsi bw’uwo muhisi bwahinduye Ubufaransa kandi ko aho yaganisha igihugu ari yo nzira kigikurikiza.

Mw’itangazo yavuze ati: “Yarakoreye igihugu, umutegetsi w’iterambere n’umwidegemvyo, urupfu rwiwe rushize igihugu mu kigandaro.”

Incuti muri politike mu 1969, Giscard D’Estaing (i bubamfu) na Jacques Chirac barahanganye mu matora y’umukuru w’igihugu

Umuryango w’uwo yahoze ari prezida wavuze ko amaziko yiwe azobera “mw’ibanga rikomeye”.

Mu ntango z’uyu mwaka, yaragirijwe gukuyakuya umumenyeshamakuru w’Umudagi bariko baragirana ikiganiro mu 2018 – akaba yarabihakanye.

Igihe kinini muri politike

Mu minsi yiwe ya nyuma, Giscard d’Estaing yakunze kwiyita umuhumure muri politike y’Ubufaransa.

Nk’umwe mu baprezida bakiri bato b’Ubufaransa, yagize umwanya muremure muri politike inyuma yo kuva ku butegetsi gusumba uwo yamaze ariko ararondera kuba umukuru w’igihugu.

Yabonwa nk’umuntu afise amanyama kandi yikumira; yakunzwe igihe gito ku butegetsi bwiwe, akaba yakuwe ku butegetsi n’inguvu z’abatavuga rumwe na reta yiwe b’impande zose.

Giscard D’Estaing yaranebaguwe cane kubera gushigikira Jean-Bédel Bokassa yatwaza igikenye

Yisanze ari mu bibazo bijanye no gushigikira umutegetsi wo muri Afrika atwaza igikenye kandi yagirizwa igiturire – Jean-Bédel Bokassa yari arongoye Centrafrique.

Valéry Marie René Georges Giscard d’Estaing yari yavutse itariki 2 z’ukwezi kwa kabiri mu 1926 i Koblenz, mu gice c’Ubufaransa cari carigaruriwe n’Ubudagi.

Exit mobile version