Site icon Rugali – Amakuru

Uwutavuga rumwe n’ubutegetsi muri Guinée ashigikiye itembagazwa rya Alpha Condé

Ukomeye cane mu batavuga rumwe na reta muri Guinée yashimye itembagazwa ry’ubutegetsi ryabaye ku wa mungu rikavanaho prezida Alpha Condé avuga ko ari akaryo ko haba intango nshasha mu gihugu. Cellou Dalein Diallo yavuze ko igisirikare cagize “igikorwa mbonekarimwe giheraheza urugamba” rwatangujwe n’imigwi igwanira demokrasi.

Yasavye igisirikare gukora kugira habe ugusubiza hamwe mu gihugu. ONU, Ishirahamwe rya Afrika na CEDEAO biyamirije iryo tembagazwa basaba ko hasubizwaho intwaro ishingiye kw’ibwirizwa nshingiro. Ayo mashirahamwe yasavye kandi ko prezida Alpha Condé arekurwa ubwo nyene. Aheruka kubonwa irya nyuma ku wa mungu akikijwe n’abasirikare b’ingabo zidasanzwe.

Umukuru w’abatembagaje ubutegetsi Col Mamady Doumbouya yabwiye abamenyeshamakuru ko ari mu minwe yabo kandi ari mu mutekano. Diallo niwe yari mukeba akomeye cane mu matora yo mu mwaka uheze, aho prezida Condé yariko aritoreza ikiringo ca gatatu co kurongora igihugu cateye impari.

Uwo mukuru w’igihugu yatembagajwe ku butegetsi yari yatowe ubwa mbere mu 2010 mw’ibisikanywa ku butegetsi rya mbere ryari ribaye mu mahoro muri kahise k’ico gihugu. N’ubwo hari ivyateye imbere mu butunzi, kuva ico gihe yagiye aragirizwa guhonyanga uburenganzira bwa zina muntu no kuburagiza abatavuga rumwe na we.

Mw’itangazo yasohoye ku wa mbere, Diallo, yigeze kuba umushikiranganji wa mbere wa Condé, yavuze ko iryo tembagazwa ari “intsinzi y’abanyagihugu n’ukunanirwa kw’intwaro y’igitugu”. Yavuze ko uko gufata ubutegetsi kuje “guheraheza” igikorwa c’umugambwe wiwe wa Alliance Nationale pour l’Alternance Démocratique (ANAD) n’iyindi migwi iharanira demokrasi.

Iyo ndongozi itavuga rumwe n’ubutegetsi yavuze ko azoshigikira abatembagaje ubutegetsi mu kurwanya ibiturire n’ukudahana, abasaba gukorera hamwe kugira “hubakwe demokrasi y’amahoro mu gihugu”.

Exit mobile version