Site icon Rugali – Amakuru

Umuyobozi Mukuru wa HCR Filippo Grandi Yarangije Urugendo Rwiwe mu Burundi

Mu gusozera urugendo rwiwe mu Burundi, Filippo Grandi, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impuzi kw’isi HCR, yagendeye impunzi z’abanyekongo ziri mw’ikambi ya Musasa, muri komine ya Kiremba y’intara ya Ngozi. Impuzi zasavye gukemurirwa ibibazo bijanye n’imfungurwa, amagara y’abantu no kwungururizwa mu gihugu ca gatatu.

Filippo Grandi umuyobozi mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi yashitse mu Burundi kuri uyu wa mbere. Yagendeye ikambi y’impuzi z’abakongomani ya Musasa avuye i Bujumbura aho yiriwe arabonana n’abategetsi bakuru bakuru b’igihugu uhereye ku mukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Yagendeye impunzi zifise ibibazo vyishi zipfuza ko HCR ikemura. Muri ivyo bibazo, ikijanye n’imfungurwa kiza kw’isonga.

Izo mpuzi ziharugwa mu bihumbi 8000 zivuga ko haciye imyaka 3 zitaronka ibikoresho vyo mu nzu, ikizuku co gukinjika ibifungurwa bike baronka kikaba kidakwiye. Abo banyekongobahawe ubuhungiro mu Burundi bavuga ko n’ibikorwa vyo guhabwa igihugu kigira 3 cobakira bitariko bigenda neza.

Umuyobozi mukuru wa HCR avuga ko yazanwe no gushimira igihugu cabakiriye, no gutera akamo abatanga imfashanyo kugira babandanye bongereza.

Filippo Grandi yemeye ko bagiye gufasha kugira impunzi zishobore gukora ibikorwa bizibeshaho zitazeye inze ku mfashanyo ya buri igihe.

Mu gusozera urugendo rwiwe, Filippo Grandi yaciye ku mutumba wa Higiro muri komine Gasorwe y’intara ya Muyinga. Kuri uyo mutumba yagendeye abaheruka guhunguka ku gushaka kwabo bavuye mu gihugu ca Tanzaniya.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika, Jean Bosco Ndarurinze:

Exit mobile version