Site icon Rugali – Amakuru

Umusirikare w’Umurundi Yiciwe mu Kiyaga Rweru

Umusirikare umwe w’Umurundi, ni we amaze kumenyekana ko yaguye mu ruhererekane rw’amasasu rwumvikanye mu kiyaga Rweru ku ruhande rw’intara ya Kirundo mu Burundi.

Uko kurasana kwari hagati y’abakekwa kuba abasirikare b’Uburundi n’ab’u Rwanda bacungera umutekano mu mazi.

Amakuru dukesha abanywanyi b’Ijwi ry’Amerika kandi atohojwe bihagije, avuga ko ukwo gushiranako kwabaye hagati y’isaha y’icenda n’iy’icumi ku muhingamo w’uyu wa gatanu.

Ayo makuru amenyesha ko abasirikare b’ibihugu vyombi bariko barakizura mu kiyaga Rweru kibitandukanya, batumvikanye ku rubibe rubatandukanya hagati mu mazi. Abasirikare b’u Rwanda boba ari bo barashe Abarundi, babagiriza kuvogera amazi y’u Rwanda.

Ingabo z’Uburundi ku kiyaga Rweru

Bubaye ubwa mbere abasirikare b’Uburundi n’ab’u Rwanda bashiranako mu kiyaga Rweru, kuva mu mwaka wa 2015 imigenderanire y’ivyo bihugu bituranyi itosekajwe n’ibihe vya politike Uburundi bwinjiyemwo ico gihe.

Yamara abarovyi bakorera muri ico kiyaga ca Rweru bari bamaze guhura akatari gake n’ibibazo vy’umutekano. Ku ruhande rw’Uburundi, hari abagiye barafatwa mu nyuma bakarekurwa n’abasirikare b’u Rwanda. Hari n’uwari amaze kuhasiga ubuzima arashwe ku ruhande rwa komine Busoni mu Burundi.

Ijwi ry’Amerika yakomeje kugerageza kumenya icyo ibisirikare vyompi bivuga kuri iki kibazo.

Exit mobile version