Site icon Rugali – Amakuru

Umushikirizamanza mukuru wa republika mu Burundi yahagaritse abantu 4 akeka ko bagize uruhara mw’iyicwa rya prezida Ndadaye

Umushikirizamanza mukuru wa republika mu Burundi Sylvestre Nyandwi yamenyesheje ko hahagaritswe abahoze ari abasirikare bakuru harimwo n’umujenerale abagiriza kugira uruhara mu rupfu rwa prezida Melchior Ndadaye mw’itembagazwa ry’ubutegetsi ryo mu 1993.

Amazina y’abahagaritswe ntiyashizwe ahabona.

Sylvestre Nyandwi avuga ati:”Ntidushobora gushoka tuvuga amazina yabo kuko tukiri mu matohoza, kuko mu gihe hoba hagisigaye uwidegemvya afise ico yiyotsa kuri ubwo bwicanyi yoca aducika.”

Ku bibaza ko ihagarikwa ry’abo basirikare bahoze mu gisirikare ca kera (ex FAB) bishobora gutera ingorane, umushikirizamanza mukuru wa republika arabihakana.

Avuga ati:”Kubahagarika ni vyiza kuko ni ukugwanya ukudahana. Ahubwo abantu vyobababaza igihe boguma bidegemvya.

Uwo mushikirizamanza arahakana ko ico gikorwa kidaciye kubiri n’amasezerano y’amahoro ya Arusha yatanga ikigongwe c’agateganyo ku mpande zose zari zishamiranye kuva mu 1993.

Ku rubanza rwari rwarashinzwe mbere, Sylvester Nyandwi asaba ko rusubirwawo.

“Ubushikirizamanza bwari bwarituye sentare ntahinyuzwa busaba ko urwo rubanza rwosubirwamwo ari co gituma n’ubu turiko turasaba iyo sentare ko yogira ico ivuze kuvyo ubushikirizamanza bwayisavye kuko urwo rubanza rutararangira.

“Ubushikirizamanza kandi bwahavuye bumenya ko hariho abandi bantu boba baragize uruhara rukomeye muri ako kabi batigeze bakurikiranwa.

“Mu ntumbero yo kurwanya ukudahana mu gihugu cacu no gukinga ibara nk’iryo twafashe ingingo yo kwubugururiza dosiye.”

N’aho umushikirizamanza wa republika atashimye kuvuga amazina y’abafashwe, ku mbuga ngurukana bumenyi nka whatsApp na facebook, ayo mazina yariko aracanacanako kuva mu gitondo.

Umuhisi prezida Melchior Ndadaye
Uwufise ububasha kw’isanamuGETTY IMAGES
Image captionPrezida Melchior Ndadaye yishwe itariki 21 z’ukwezi kwa cumi mu 1993 ari kumwe n’abafasha biwe harimwo uwari arongoye inama nshingamateka Pontien Karibwami.

N’aho atayemeje canke ngo ayahakane, Sylvestre Nyandwi na we nyene yemeje ko ayo mazina ariko arahererekanwa.

Ayo na yo ni Gen Celestin Ndayisaba (Kibadashi ), Col Gunungu, Col Nahigombeye hamwe na Col Niyonkuru.

Prezida Melchior Ndadaye yishwe itariki 21 z’ukwezi kwa cumi mu 1993 ari kumwe n’abafasha biwe harimwo uwari arongoye inama nshingamateka Pontien Karibwami.

Urupfu rwiwe rwakurikiwe n’ubwicanyi bushingiye ku moko butagira izina bwahitanye abantu barenga 300.000, abandi ibihumbi amajana n’amajana barahunga igihugu.

Exit mobile version