Site icon Rugali – Amakuru

Umurundikazi Francine Niyonsaba yaciye umuhigo ku metero 2000 mu mahiganwa ya Zagreb

Umurundikazi Francine Niyonsaba yanditse amateka mashasha ku metero 2000 mw’ihiganwa Continental Tour Gold ryabera i Zagreb mu gihugu ca Croatia. Ku mwanya yakoresheje w’iminota itanu n’amasegonda 21.56, yasumbije Genzebe Dibaba yaheruka guca umuhigo mu mahiganwa yo mu kibuga cugaye (indoors) mu 2017, akaba yamusize amasegonda abiri.

Inyuma y’umudari w’ifeza kw’isi no muri Olempike ku metero 800, Niyonsaba ni umwe mu banonotsi batari bake babujijwe guhiganwa ku metero ziri hagati ya 400 na 1.600 kubera urugero rw’inkabuzo (umusemburo) ya testosterone ruri hejuru. Uyu munonotsi w’imyaka 28 avuga ko yahisemwo kubandanya amahiganwa kugira ngo abere akarorero abandi.

N’aho ari mu murwi w’abanonotsi bategetswe guhindura ibisata bahiganwamwo ku ngingo yafashwe n’urwego mpuzamakungu rujejwe ukwinonora imitsi mu 2019, Niyonsaba ntaco yabaye kuko arabikora bigacika mu mahiganwa yo ku ntera ndende.

N’akamwemwe kenshi, Niyonsaba ati: “Numva mfise umunezero udasanzwe. Si nari nzi ko nshobora kwandika amateka nk’aya kw’isi yose, kuko ni bwo bwa mbere nari nje hano. Naje hano gukora ivyo nategerezwa gukora”.

“Nabikoze. Ni vyiza kandi biraryoshe. Ndashimiye abo bose baje kudutera intege”.

Aya mateka mashasha yanditse, mbere akaba yanasumbije umunya Ireland Sonia O’Sullivan yari yaciye umuhigo mu mahiganwa yo hanze mu 1994, ayashitseko haciye indwi imwe gusa atsindiye ihiganwa ryo gusiganwa ku metero 5000 mu mahiganwa ya Diamond League yabereye i Zurich mu Busuwisi (Suisse).

Mu nkino za Olempike ziheruka kubera i Tokyo mu Buyapani, yahejeje ari mu kibanza ca gatanu mw’ihiganwa rya nyuma (finale) ku metero 10.000, ariko imbere y’aho akaba yari yakuwe mw’ihiganwa ku metero 5000 yagirijwe ko yaciye mu nzira itari rwiwe.

Yaheruka kandi kuba umunonotsi agize gatanu kw’isi avuduka cane ku metero 3000 mu rwego rw’abagore/abakobwa.

Gusiganwa ku metero 2000 ntibirigera biba mu nkino za Olempike canke mu mahiganwa mpuzamakungu (World Championships), ariko bikunze kuba mu mahiganwa asanzwe yo gusiganwa.

Exit mobile version