Site icon Rugali – Amakuru

Umurundi Mwete Pierre Hardy akora muri Louis Vuitton agomba guhindura ivyiyumviro ku ‘gushona’ mu Burundi

Mwete, Umurundi akora muri Louis Vuitton yipfuza impinduka

Yibaza ko umuvyeyi wiwe yamukiniyeko ‘lona’ (imikino y’amahirwe mu Kinyarwanda) ubwo yemera kumwishurira amashure mu Bufaransa y’ivyo benshi bita gushona, yipfuza ko Abarundi bahindura ivyiyumviro nk’ivyo.

Mwete Pierre Hardy ariko ararangiza amashure, yiga ‘kwambara no kwambika abantu ibijanye n’umubiri wabo’, ivyo si amashure amenyerewe mu Burundi, canke no muri Africa.

Mwete ubu afise imyaka 23, yipfuza ko azojana ubumenyi bwiwe mu gihugu ciwe, agafasha urwaruka rufise impano, kandi agahindura ivyiyumviro vy’Abarundi mu bijanye no gukora impuzu.

Yashitse mu Bufaransa mu 2016 agiye kwiga, ubu ni umukozi wa Louis Vuitton i Paris, uruganda ruzwi cane kw’isi mu gukora impuzu z’ubwoko butandukanye, aho kandi animenyereza umwuga wiwe.

Lona y’umuvyeyi

Mwete ati: “Nari nsanzwe nkunda gucapa, gucapa utuntu tw’impunzu, hanyuma rero hageze ko nja kwiga ivya kaminuza ndavuga nti sinshaka ko nja guta umwanya wanje niga ibi vya économie [ubutunzi/ubukungu] canke ibindi, ngira ndondere ibijanye n’impunzu”.

Ishami rya Campus – France mu Burundi, ishirahamwe rimenyekanisha amashure yo mu Bufaransa mu bihugu vya Africa, ni ryo ryamufashije kubona ivyo yoja kwiga mu Bufaransa.

Abandanya avuga ati: “Umuvyeyi wanje yamye yifuza ko noba umuganga, ntivyari vyoroshe kumubarira ko ngiye kwiga ‘gushona’, cane cane ko bataba bazi neza na neza ivyo ugiye kwiga.

“Kuko iyo uvuze ibintu vyo gushona Abarundi biyumvira barya bantu bo kw’ibarabara canke muri ‘quartier’ bashona impunzu.

“Umuvyeyi wanje rero nibaza ko yavuze ati reka ndamukinireko lona ndabe aho bizogwa, n’ukuri yangiriye icizere aravuga ati ‘reka tumureke uko abishaka’, yari amaze kubona ko ari ibintu nkunda atari ivyo niyumviriye ubwo nyene”.

Impinduka yipfuza

Mwete ubu ni umunyeshure ariko anafise amasezerano nk’umukozi wa Louis Vuitton aho avuga ko ariko arasuma ubumenyi bwo ku rwego rwo hejuru mu gukora impuzu nziza.

Agira ati: “Muri kazoza nipfuza kuzogira ishure ryigisha nk’ibi ndikwiga mu Burundi, kugira mpindure ivyiyumviro vy’uko umenga abantu baja gukora ivyo gushona kubera amashure yabananiye.

“Ndipfuza ko uwu mwuga ugira agaciro nk’iyindi myuga mu Burundi, abantu bakamenya ko nawo ari umwuga ufise ikibanza mu yindi.”

Mwete ubu yatanguye gukora impuzu ziwe adandaza, mu ntumbero yo gushira mu bikorwa ivyo yize no kuzoshika ku cipfuzo ciwe ku gihugu ciwe muri kazoza.

Ati: “Ndiko ndagerageza gutangura ibintu vyanje kugira nerekane ko Umurundi ashobora kwambara ibintu bikozwe n’Umurundi kandi vyiza, bikozwe neza”.

“Muri Africa haracari ikibazo co kwiyumvira ko dutegerezwa twese kwiga ibizotujana muri ‘bureau’, harageze ko abantu bahindura, bakiyumvira ibizotuma nabo batanga akazi”.

Mwete asaba abavyeyi guha abana babo amahirwe no kubatera intege “kugira ngo umwana aryoherwe mu vyo ariko ariga mugabo azogirire akamaro n’abamukikije.”

 

Exit mobile version