Site icon Rugali – Amakuru

Umuririmvyi w’Umurundi Kidum ngo yabwiwe ko atemerewe kuririmbira mu Rwanda

Umuririmvyi w’Umurundi rurangiranwa mu karere k’ubuseruko bwa Afrika, Jean Pierre Nimbona azwi cane nka Kidum, yabwiye BBC ko yabujijwe kuremesha ibiteramo mu Rwanda.

Kidum yategerezwa kuririmba mu giteramo Kigali Jazz Junction itariki 27/09/2019 ari kumwe n’abandi baririmvyi nka Johnny Drille wo muri Nigeria.

Ariko ku buryo atari yiteze ngo yabwiwe ko atacemerewe kuririmba muri ico giteramo.

BBC yegereye Kidum tumubaza icatumye abuzwa kuja muri ico giteramo kandi amatangazo yaco hamwe n’amatike vyari bimaze gusohoka.

Kidum yagize ati: “Nta mpamvu n’imwe nabwiwe. Abateguye igiteramo bambwiye ko ubuyobozi bwa Kigali bwababwiye ko ntemerewe kuja muri ico giteramo.

Uwufise ububasha kw’isanamuKIGALI JAZZ FUSION
Image captionItangazo mu congereza ry’abateguye igiteramo Kigali Jazz Fusion bavuga ko Kidum atazoba arimwo

“Nta ngorane nari bwagire mu Rwanda, itariki zitandatu nariyo, kiretse mu kwezi kwa 12 aho nari mvuye mu Burundi, umuntu aravuga ati sinshobora kuririmba. Ariko nta kindi gihe vyari bwashike.”

Kidum ari mu baririmvyi rurangiranwa mu karere k’ubuseruko bwa Afrika, akaba amaze imyaka irenga 20 aremesha ibiteramo mu bihugu vy’ako karere agendera buri mwaka.

Yabandanije agira ati: “Mu Rwanda ndahinjira nk’uwugiye muhira, nta visa, nta ruhusha ikintu kimwe bambaza gusa ni aho nshikira.”

BBC yashatse kumenya ico abatumiye Kidum bavuga, atubwira ko bobo bakiriko baringinga ubuyobozi bwa Kigali ngo barabe ko bwotanga uruhusha.


Uwufise ububasha kw’isanamuKIDUM
Image captionUbutumwa Kidum yashize ku mbuga hwaniro

Imvo za politike?

Abajijwe niba hari iyindi mpamvu yoba ibiri inyuma Kidum yavuze ko ata mpamvu yindi n’imwe we ku bwiye yumva yoba yabiteye ngo ariko hatanguye kuvugwa vyinshi.

Yagize ati: “Hari abari kuvuga ko vyoba bitewe n’umubano mubi hagati y’ibihugu vyombi (u Burundi n’u Rwanda), ngo vyoba bifise imvo za politike.

“Jewe simba mu Rwanda canke mu Burundi, mba muri Kenya. Nta politike ndimwo. Ku vy’umutekano navyo, nta mutekano w’umuntu n’umwe mbangamiye, nta n’ubushobozi mfise bwo kubangamira umutekano.”

Kidum yari amaze kuremesha ibiteramo vyinshi mu Rwanda mu myaka 16 iheze, akaba yararirimvye ahantu henshi harimwo n’umuhango wo Kwita Izina.

BBC iracakurikirana aya makuru.

Exit mobile version