Site icon Rugali – Amakuru

Umukinyi wo hagati wa Manchester United, Paul Pogba, bamusanzemwo coronavirus

Umukinyi wo hagati wa Manchester United Paul Pogba yapimwe asanga yanduye wa mugera wa coronavirus, nk’uko bivugwa na Didier Deschamps, umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’u Bufaransa asanzwe akinira.

Uyu mukinyi w’imyaka 27 yaciye ashirwa ukwiwe mu kiringo c’iminsi 14. Ntazoshobora gukina mu rukino rw’ihiganwa ry’Ubufaransa ruzobera muri Suwede ku wa gatandatu 05 z’ukwezi kw’icenda, hamwe n’urundi ruzohuza u Bufaransa na Croatia inyuma y’iminsi itatu.

Hagati aho, Pogba arashobora gukina urukino rwa mbere rwa Manchester United mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Bwongereza mu mwaka w’inkino wimirije ruzoyihuza na Crystal Palace ku wa 19 z’ukw’icenda.

Umurwi wiwe wasohoye itangazo aho uvuga ko “Bose muri Man U baripfuriza Paul ko yokira ningoga kugira aze atangure ihiganwa riza ameze neza”. Mu murwi nserukiragihugu w’u Bufaransa, Pogba azosubirirwa n’uwitwa Eduardo Camavinga, umukinyi w’imyaka 17 asanzwe akina mu murwi Rennes.

Deschamps ati: “Namaze guhindura, ku munota wa nyuma, urutonde rw’abakinyi”. Avuga ko ejo ariho Pogba yafatwa ibipimo vya coronavirus, inyishu zikaba zagiye kuja ahabona uno munsi, zerekana ko yanduye.

Source: BBC

Exit mobile version