Site icon Rugali – Amakuru

Umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDD-FDD urashinja leta y’u Rwanda urupfu rwa Cyprien Ntaryamira

Umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDD-FDD wegeka urupfu rwa perezida Cyprien Ntaryamira kuri Kagame na FPR. Ibyo byatangajwe kuri uyu wa Gatanu mu gihe Uburundi bwibutse imyaka 24 irangiye Bwana Ntaryamira yishwe. Yari kumwe n’abashikiranganji biwe babiri basezeye isi inyuma y’iraswa ry’indege yari ibareruye ryabereye hejuru y’ikibuga c’indege ca Kanombe mu Rwanda.

Mu itangazo CNDD-FDD wasohoye usaba reta y’Uburundi kurushengeza imbere ya sentare mpuzamakungu. Muri iryo tangazo umugambwe CNDD-FDD ngo ubabazwa no kubona ubutungane ataco burashikako ku bijanye n’urupfu rwa Prezida Ntaryamira.
Utunga urutoki igihugu c’Urwanda ko rwabigizemwo uruhara.

Uwo mugambwe uvuga ko ivyagiye bihekura uburundi muri kahise vyamye bizanana mu Rwanda. Utanga akarorero kw’igandagurwa ry’umushikiranganji wa mbere Petero Ngendadumwe ryabaye inyuma y’ukwikukira kw’Uburundi hamwe n’ivy’abaye muri 2015.

CNDD-FDD ntirya umunwa mu kwagiriza Urwanda ko rwagize imbohe abarundi bahungiyeyo. Isaba reta y’uburundi kwitura ubutungane mpuzamakungu.

Kuri uyu wa kane, umuvugizi wa reta Philippo Nzobonariba yari yatangaje ko bigoye ko uburundi buja gukora amatohoza mu rwanda kubera imigenderanire y’ibihugu vyompi atakwo yifashe. “Mu gihe uburundi budafise uburyo buhagije mbere n’umuntu aravye ingene imigenderanire y’uburundi n’urwanda ingene yifashe kuva ico gihe, uburundi ntibushobora kugenda kugira amatohoza mu Rwanda. Ariko burabandanya bukurikiranira hagufi amatohoza ariko akorwa n’abo vyega,” ni ko Nzobonariba asigura.

Uburundi bwari buramutse bwibuka imyaka 24 iheze perezida ntaryamira agandaguwe. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, umutambukanyi wiwe n’abandi bategetsi batandukanye bari bitavye ibirori aho bagiye gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa ya ba nyakwigendera.Umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDD-FDD wegeka urupfu rwa perezida Cyprien Ntaryamira.

Ibyo byatangajwe kuri uyu wa Gatanu mu gihe Uburundi bwibutse imyaka 24 irangiye Bwana Ntaryamira yishwe. Yari kumwe n’abashikiranganji biwe babiri basezeye isi inyuma y’iraswa ry’indege yari ibareruye ryabereye hejuru y’ikibuga c’indege ca Kanombe mu Rwanda.

Mu itangazo CNDD-FDD wasohoye usaba reta y’Uburundi kurushengeza imbere ya sentare mpuzamakungu. Muri iryo tangazo umugambwe CNDD-FDD ngo ubabazwa no kubona ubutungane ataco burashikako ku bijanye n’urupfu rwa Prezida Ntaryamira.
Utunga urutoki igihugu c’Urwanda ko rwabigizemwo uruhara.

Uwo mugambwe uvuga ko ivyagiye bihekura uburundi muri kahise vyamye bizanana mu Rwanda. Utanga akarorero kw’igandagurwa ry’umushikiranganji wa mbere Petero Ngendadumwe ryabaye inyuma y’ukwikukira kw’Uburundi hamwe n’ivy’abaye muri 2015.

CNDD-FDD ntirya umunwa mu kwagiriza Urwanda ko rwagize imbohe abarundi bahungiyeyo. Isaba reta y’uburundi kwitura ubutungane mpuzamakungu. Kuri uyu wa kane, umuvugizi wa reta Philippo Nzobonariba yari yatangaje ko bigoye ko uburundi buja gukora amatohoza mu rwanda kubera imigenderanire y’ibihugu vyompi atakwo yifashe. “Mu gihe uburundi budafise uburyo buhagije mbere n’umuntu aravye ingene imigenderanire y’uburundi n’urwanda ingene yifashe kuva ico gihe, uburundi ntibushobora kugenda kugira amatohoza mu Rwanda. Ariko burabandanya bukurikiranira hagufi amatohoza ariko akorwa n’abo vyega,” ni ko Nzobonariba asigura.

Uburundi bwari buramutse bwibuka imyaka 24 iheze perezida ntaryamira agandaguwe. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, umutambukanyi wiwe n’abandi bategetsi batandukanye bari bitavye ibirori aho bagiye gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa ya ba nyakwigendera.

Muhabura Iwacu

Exit mobile version