Haraheze igihe kitari gito havurwa ko hoba hari ihonyabwoko ry’abatutsi ririko rirategurwa mu gihugu c’Uburundi. Ivyo navyo vyari vyaravuzwe n’imbere y’amatora yo mu 2010, biturutse kuko vyagaragaye ko umugambwe uri ku butegetsi kuva mu 2005, washitse ku nyota abarundi.
Nta numwe atibuka ingene umugambi wo kwibaruka ku buntu, kuvuza abana bafise imyaka iri musi y’itanu no kwigisha abana bo mu mashure y’intango ku buntu vyarwanijwe n’abarundi bamwe bamwe bakoreshejwe n’abasanzwe bafasha Uburundi mu gushaka kwerekana ko iyo migambi idashoboka. Ivyo bakaba babicishije mu ma sendika akoranye n’ibimenyeshamakuru bimwe bimwe vyigenga
atayindi ntumbero bafise atari uguca ivutu Reta nyene gufata imigambi no guhebuza abane gihugu. Mwibuke neza ko mu gihe cose iyo migambi yariko irashirwa mu ngiro, ibinyamakuru vyigenga vyaguma bigendera amavuriro , bitanga ibiganiro ku barwaye n’abavyeyi baje gupimisha imbanyi canke kwibaruka. Uwumaze isha arindiriye bagatangaza ko amaze imisi ibiri bataramwakira. Ku mashure ni nkuko, bavuga ko abanyeshure batagira aho bicara n’ibindi,..Ivyo vyose vyari mu ntumbero yo gutegura amatora yo mu 2010.
Naho nyene nticabujije ko bavuga ko hari ihonyabwoko ririko rirategurwa, ivyo bigaca bishigikirwa n’abategetsi b’igihugu c’Urwanda gushika aho bazanye ibiziga atawuzi iyo vyazananye, vyongeye nta muryango n’umwe wo mu Burundi wigeze ugandara, baca babita mu kiyaga Rweru Uburundi busangiye n’Urwanda. Urwanda ruca rutumako ibimenyeshamakuru mva mahanga vyose na cane cane ibivuga ururimi rw’igifaransa bize gufata amasanamu ngo ihonyabwoko mu Burundi ryatanguye. Ariko ntaco vyashitseko. Ayandi marementanya yagiye arakorwa yakozwe n’ishirahamwe Amnesty International, ibikoranye n’abategetsi b’Urwanda , hamwe na bamwe mu bakozi ba ONU mu Burundi ico bise « Cable confidentiel » Ico kinyoma umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame yaragikoreyeko cane, mu ngendo zose yagiye aragira mu bihugu vya buraya, nko mu Bubirigi, mu Bufaransa, mu Buholande aho yagiye arahura n’abanyarwanda bamvanze n’abarundi batavuga rumwe na Reta ya CNDD-FDD, nk’uko amasanamu yagiye arabitwereka, basanzwe baba muri ivyo bihugu abasigurira ko atagiye kwemera ko ivyabaye mu gihugu ciwe mu 1994, atazokwemera ko bishika mu Burundi. Ariko mu vyukuri yari amayeri, yo gusigura igitero yariko arategura co gutembagaza ubutegetsi bwa CNDD-FDD buri ku ngoma mu gihugu c’Uburundi. Muri ico gihe cose , aho yaciye hose, yagiye arasaba infashanyo yitwa ko ari iyo gukingingira ubwoko bw’abatutsi, nk’uko n’uno musi aguma aronka infashanyo yitwa ko ari iyo gufasha impunzi z’abarundi zahunze intwaro y’umukazo n’ihonyabwoko yateguye, agaca azibuza gutaha , akazitsindagira mu bukene n’amaganya. Ariko mu vy’ukuri kwari ukugira ngo Reta ya CNDD-FDD ihave haze intwaro y’infatakibanza iyoboka abakoresha Paul Kagame. Ivyo kugira bishoboke vyategerezwa guca mu bikorwa vyo guhungabanya umutekano mu bihugu vy’ibiyaga binini, mu ntumbero yo kubisubiza mu ntwaro za gikoroni.
Mwobaza muti : Mbe Urwanda rwagize uruhe ruhara mu guhungabanya umutekano mu gihugu c’Uburundi ? Muretse izo ngendo umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame yagiye aragira mu bihugu vya Buraya na Amerika bidacana uwaka n’abakominista , ishavu ivyo bihugu bifitiye ibihugu bicuditse n’abakominista harimwo Uburundi n’ibindi bihugu bihana imbibe ririmwo mu vyatumye iguhugu c’Urwanda gihabwa igikorwa co guhungabanya umutekano muri ivyo bihugu. Nka Repuburika iharanira demokarasi ya Kongo , Tanzaniya n’ibindi. Umugambi wo gusambura imigambwe iri ku butegetsi muri ivyo bihugu ni Kagame Paul yawushize mu biganza vyiwe. Muri Cama Ca Mapinduzi (CCM) uri k’Ubutegetsi muri Tanzaniya yaragerageje biramunanira mu gihe abazungu bamuhaye amafara ashira Eduard Lowasa ngo awusambure. Mu Burundi yahawe bamwe muzi ko bahavuye birukanwa mu mugambwe CNDD-FDD,( Abo bise les Frondeurs) bakaba bose bavuye mu Burundi bagana mu Rwanda. Kandi bose, ni Reta y’Urwanda ibafashe mu mugongo, ikoresheje uburyo buva mu bihugu vyari bisanzwe bifasha uburundi. Ubwo buryo hakubukoresha mu guterera igihugu n’abanyegihugu ngo bagire uburaro bwiza n’amagara meza, bagiterera umuriro.
Ivyo vyose nadondaguye aho haruguru, na cane cane ayo marementanya yategurwa Urwanda rurimwo kuko nirwo rwategerezwa kubishira mu ngiro. Ico nokwita mu rurimi rw’ ‘igifaransa « Une guerre par procuration ».
Urwanda ntirusiba kuvuga ko igihugu c’Uburundi cacerewe mu nzira y’amajambere kubera ubutegetsi butagira iyerekwa. Biragoye cane gusigura ingene igihugu caciye mu ntambara nkiyo abanyarwanda baciyemwo 1994, ifaranga rigahinduka, idarapo rigahinduka, indirimbo ihayagiza igihugu igahinduka, ntavuze ubutegetsi, ico gihugu kikaba atamuhora gifise kw’i bahari, coba gifise ifaranga ry’agaciro kuruta iry’Uburundi bufise ikiyaga Tanganyika n’ibindi ntavuze. Ico mwari mukwiye kumenya : Ni uko aho President Kagame na Yoweri Museveni wa Ouganda baronkeye uburenganzira n’uburyo bwo gukura ubutegetsi bwa President Mobutu Sese Seko mu 1997, wamengo ico gihugu barakibagabiye. Inyuma yo gukurwa k’ubutegetsi kwa Mobutu, ingabo z’Urwanda ntizigeze ziva muri ico gihugu kuva ubwo. Abahatungira barahatungiye, Urwanda rurubakwa n’ifeza n’inzahabu z’abakongomani, ifaranga riraba ifaranga. None ubu naho rwaronse mission yo gukura CNDD-FDD k’ubutegetsi , hanyuma ruzoce rwunguruza ruje i Kinshasa naho.
Hambavu y’ivyo, igitangaje ni uko Urwanda rubandanya rwihaya ngo rwarateye imbere mu ntwaro ya demokarasi ari narwo muri ibi bihugu vy’aka karere rufise abanyororo bazira ivyiyumviro vya poritike (Prisonniers politiques, prisonniers d’opinions) . Ariko igitangaje amakungu ntaco ariko aravuga kuri iryo pfungwa r’umuntu atigeze afata ikigwanisho, ariko Urwanda rugaha indaro abatera igihugu kibanyi bakavayo bishe abantu ku mugaragaro n’amakungu arorera. « Amatwi adusumira, umupfasoni Victoire INGABIRE yoba yaracitse kw’icumu incuro zirenga zibiri, kandi ntakindi azira atari ivyiyumviro vyiwe vya porikike. Ikindi gitangaje ni ukubona igihugu c’Urwanda kica cikura muri Sentare y’Umuryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko , ijejwe kumviriza abayitura ari uko batashimye urwaciwe n’amasentare yo mu bihugu barimwo. Ico ni ikimenyetso cerekana neza ko Paul Kagame atipfuza ko Victoire Ngabire yokwidengemvya imbere y’uko amatora yimirije 2017 aba. Muri make ko adashaka amatora ya demokarasi nyakuri.
Mu kurangiza ndabamenyeshe ko atawosubira kwemera ko Urwanda rwateye imbere gusumba Uburundi. Haba namba. Ukwubaka amagorofa siko gutera imbere. Ariko guha umwidegemvyo abanyagihugu, no gusonera umubanyi guharanira amahoro n’umutekano biruta kuronka amafaranga. Jewe nobaza ikibazo : « Abo basirikare bose b’abanyarwanda binjiranye m’Uburundi ibirwanisho bitwa ngo baje muri mission, barasubiye inyuma gutanga rapport de mission? Major Vicky Akiri yaguye ku Musaga, Jean Bosco Bizimana, Caporal Chef Clovis Iyamuremye , Cyprien Ncyahintare n’abandi ntavuze….
Mwomenya neza y’uko, abo basirikare b’igihugu c’Urwanda bagire batangure kwinjira ku bwinshi kubera ko basanze bidakunda ko bokoresha abarundi bonyene kuko vyose babikora basiganwa n’urushinge rw’isaha bikabata k’uw’amazi. Igitero co mu ntara ya Cibitoke mu makomine ya Murwi na Bukinanyana kuwa 30 Kigarama 2015, ntakindi cari kigamije atari ugusivya amatora. Hakurikiye ico mu Kabarore, haca hasubira ico mu Giteranyi. Ivyo bitero vyose ntahandi vyari bizananye atari mu gihugu c’Urwanda, gushika aho biyumvira guhirika ubutegetsi.
Uruhara rwa Zebiya Ngenadkumana n’Abasenyeri bamwe bamwe ba Ekereziya Gatorika:
Nk’uko benshi bagiye baravyumva ko hariho umusozi uri mu ntara ya Kayanza witwa « Businde », ari naho nk’uko bagiye barabesha ngo Bikira Mariya yama yiyereke abana b’Imana. Mu mwaka wa 2014, umupfasoni azwi kw’izina rya Euzebie Ngendakumana abifashijwe n’abasenyeri Simoni Ntamwana , Evariste Ngoyagoye, Banshimiyubusa Gerevazi n’abandi harimwo na Reta y’Urwanda yo yategerezwa kurungika abarwanyi , biyise abasenzi, barumvishije abakristu ko Bikira Mariya ahora abonekera abemera Imana kuri uwo musozi wa Businde. Ariko ivyo bakabikorana mu mpisho na Zebiya, ndetse no kumwiyamiriza bakavyiyamiriza mu gutabaza ubushikiranganji bw’intwaro yo mu gihugu hagati bugitwarwa na Edouard Nduwimana. Yamara, nkuko amakuru yo kwizigira yagiye aradushikira ntakindi cabera ku musozi wa Businde atari inama z’abantu bavuye mu gihugu c’Urwanda no mu gihugu hagati, ngo baje kubonekerwa n’umugabekazi w’ijuru, atakindi kibazanye atari ugutegura ibitero bihagarika amatora yariko arategurwa. Uyu musi mwobaza muti mbe Zebiya yaroye he? Uno musi uwamubonekera kirya gihe yaciye amuheba? Ko Imana yadusezeraniye ko itazoduheba naho twayicumuyeko?
Muri make rero, uno musi, imigenderanire y’igihugu c’Urwanda n’Uburundi ntiyifashe neza na gato, nkuko n’ubutegetsi buri mu Rwanda butabanye neza n’abatavuga rumwe na Reta yabwo , hamwe n’igihugu kibanyi. Igihugu kibanyi ari naco c’Uburundi kiramaze gufata bamwe mu ntwazangabo z’abanyarwanda, baje, atakindi kibazanye atari gusuma urusaku canke kwica abategetsi, kwica abantu ikivunga mu ma soko no mu bindi bibanza bihuriramwo abantu benshi , gusahura amaba banki, mu ntumbero yo guhamagara inteko mva makungu atakindi zigamije atari ugutemabagaza inzego zitorewe n’abanyagihugu mu Burundi. Muri abo, hari uwaguye mu gitero cabereye ku Musaga afise ipete rya Majoro azwi kw’izina rya Vicky Akiri, hari Jean Bosco BIZIMANA, caporal chef Clovis IYAMUREMYE ari mu bagandaguye Lieutenant General Adolph NSHIMIRIMANA , kw’igenekerezo rya 02 Myandagaro 2015, mbere biravurwa ko yoba ari n’inyuma y’urupfu rwa Koroneri Yohani BIKOMAGU yagandaguwe mu ntumbero yo gusambura igisirakare c’Uburundi, nkuko inkuru zabandanije zidushikira. Uwo nawe akaba yaciye afatwa ku musi wa gatandatu, kw’igenekerezo rya 12 Nyakanga 2015, yaraye ahushije umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto jenerari Majoro Prime Niyongabo mu gitondo co kuwa 11 Nyakanga 2015. Uwo akaba yifatiwe n’abanyigihugu bonyene mw’ijoro ryakeye mu Gatumba. Nongere ndabemenyeshe ko ifatwa ry’uwo muntu ritabaye igikorwa coroshe na gato kuko , haciye haza anbantu bambaye impuzu za gisirikare ku mutabara, basaba ko iyo dossier boyiha sentare ya gisirikare. Ariko siko vyagenze. Muri make rero :Yaba mu bahutu, yaba mu batutsi hose baridoga . Ipfungwa rya Victoire Ingabire azira ivyiyumviro vya poritike, Generari Franck Rusagara na Colonel Tom Byabagamba ni ikimenyetso cerekana neza ko igihambaye kuri Presida Paul Kagame atari demokarasi canke ubutungane , ari ukuguma k’ ubutegetsi gusa. Ubu rero, inkuru twaraye duhawe na Caporal Cyprien Ncyahintare ni uko igaruka ryiwe rigira gatatu mu Burundi, yari aje kubonana n’abarongoye inzu y ‘ababikira b’i Muyinga, ngo abasabe ko bocumbikira abarwanyi 200 baje gutera igihugu c’Uburundi, bataha aho nyene.
Umuntu yobaza ati : Mbe mu Rwanda hariyo demokarasi vy’ukuri ? Asangwa iriyo ni kuki arico gihugu conyene gifise abapfungiwe ivyiyumviro vya poritike ? Atari ni ivy’ubwicanyi ? Victoire Ngabire ni umunyarwandakazi kandi ashobora kugira ico aterera mw’iterambere ry’igihugu ciwe naho atoba ari umukuru w’igihugu. Ntivyumvikana na gato ko umuntu ata kirwanisho yigeze afata yotabwa muri yompi, abicanyi b’igihugu kibanyi bakidegemvya bakongera bagahembwa. Jenerari Franck Rusagara na koroneri Byabagamba ntakindi bazira atari guharanira umubano mwiza n’ibihugu bibanyi harimwo n’Uburundi. Nibaza ko imbere ya vyose , hako amakungu ahamagarira abarundi kuganira kandi ataco bapfa kiboneka, yobanza gutumako ivyo bihugu uko ari bibiri, Urwanda n’Uburundi bikumvirizwa kuko nivyo bifitaniye ingorane nyamukuru. Kuko ibitero vyose bitera Uburundi bizanana mu gihugu c’Urwanda»
A suivre…..
Alain Desire Karorero