Site icon Rugali – Amakuru

Ukuri kurazwi! Umuryango wa Juvénal Habyarimana uvuga ko ‘ukuri kugomba kumenyekana’

Perezida Juvenl Habyarimana ni muntu ki

Umuryango w’uwahoze atwara u Rwanda, Juvénal Habyarimana, uvuga ko ukuri kugomba kumenyekana, nyuma y’icemezo ca sentare yunguruza imanza i Paris mu Bufaransa, co kwemeza ko iperereza kw’iraswa ry’indege yari imutwaye ritobandanya.

Iraswa ry’iyo ndege yarimwo n’uwari Prezida w’u Burundi, Cyprien Ntaryamirya, hamwe n’abandi banyacubahiro, bivugwa cane ko ari ryo ryateje jenoside yahitanye abantu bashika ku bihumbi amajana umunani mu Rwanda mu 1994.

Avugana na BBC, umuhungu w’umuhisi Habyarimana, Jean-Luc Habyarimana, yavuze ko bitumvikana ukuntu indege yaguyemwo abakuru b’ibihugu babiri bitomenyekana uwayirashe.

Avuga ko icemezo sentare yafashe ari icemezo ca politike kigamije gushika ku mubano mwiza hagati y’abarongoye u Rwanda n’Ubufaransa.

Yavuze ko baciye bunguruza muri sentare isesa imanza, bakizera ko icifuzo cabo c’uko iperereza ribandanya kizoshigikirwa.

Yongeyeko yuko ukuri kuzomenyekana igihe ico ari co cose, ko ikibabaje ari uko bishobora gutwara igihe kirekire.

(Urashobora kwumva aho hasi ikiganiro Jean-Luc Habyarimana yagiranye na Robert Patrick Misigaro wa BBC Gahuzamiryango)

Exit mobile version