Abategetsi muri Uganda bariko barakora amatohoza ku gupfa ku bwinshi kw’amafi mu kiyaga Victoria, ikiyaga ca mbere cagutse cane muri Africa.
Ubushikiranganji bw’uburovyi bwagabishije abantu ko ataworya ayo mafi ahubwo ko boyahamba.
Ntawuzi ingene ifi zimaze kwisesa ku nkengera uko zingana, ariko amafoto yahererekanywe ku mbuga hwaniro n’abantu baba hafi y’ikiyaga yerekana ifi nyinshi zisutse ku nkengera.
Ubushikiranganji bw’uburovyi buvuga mw’itangazo ko ”amatohoza ya mbere yerekana ko ata burozi bwabitumye”.
”Birakekwa ko ibihuhusi vyabaye mu kiyaga muri iyi minsi vyatumye amazi atari amwe avangana gutyo bigabanura urugero rwa oxygene mu kiyaga”.
Icegeranyo cuzuye c’abahinga barungitswe gukora amatohoza citezwe kuri uyu wa mbere.
Umutegetsi wo mu bushikiranganji Joyce Ikwaput Nyeko yabwiye abamenyeshamakuru ati: ”ikintu gishoboka cane kuba carabiteye n’igabanuka rya oxygene” ryatewe n’umwuzure n’ivyatsi vy’amarebe(hyacinthe).
Ubushikiranganji buvuga ko ubwoko bwonyene bwapfuye ari ubw’amafi bita Nile perch busanzwe buribwa cane muri Uganda.
Ayo mafi ashobora gukura agapima gushika ku biro 100, bivugwa ko amererwa nabi iyo uregero rwa oxygene rugiye munsi ya miligrama zibiri (2mg) kw’iritiro ry’amazi, nk’uko bivugwa n’umunyanakuru wa BBC Patience Atuhayire, i Kampala.
Ubushikiranganji bubwira ”abarovyi n’abagereye ikiyaga muri rusangi ko bokwegeranya ayo mafi bakayahamba kugira bagabanye umunuko”.
Ariko bunababwira ”kudaha agaciro video ihanahanwa ku mbuga hwaniro isaba abantu kudasubira kurya amafi kuko ayarobwe mu buryo busanzwe yoroshe gutandukanya n’ayareremba yapfuye”.
Ikiyaga Victoria gifise uruhara runini mu buzima bw’ibihugu bigisangiye arivyo Uganda, Kenya na Tanzania.
Mu 2017, abahinga bagabishije ko ikiyaga Victoria gishobora kuzimangana.
Bavuga ko uburovyi bw’ikirenga n’imicafu yisuka muri co bibanganira cane amafi.
BBC Gahuza