Site icon Rugali – Amakuru

Uganda: umushikiranganji yashigikiye iraswa ry’abari mu myiyerekano basaba irekurwa rya Bobi Wine

Elly Tumwine

Umushikiranganji w’umutekano wa Uganda, Elly Tumwine, atangaza ko igipolisi co muri iki gihugu gifise uburenganzira bwo kurasa bakica abari mu myiyerekano iyo “bashitse ku rugero rwo guhungabanya umutekano”.

Haradutse imishamirano hagati y’igipolisi n’abari mu myiyerekano yakomotse kw’ihagarikwa ry’umwe mu bariko barahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu Bobi Wine yahoze ari n’umunyamuziki, imigumuko imaze guhitana n’imiburiburi abantu 28 kuva ku wa gatatu.

Bobi wine yagirijwe ko yariko arakwiragiza coronavirus mu myiyamamazo yiwe.

Hagati aho, abaharanira uburenganzira bwa kiremwamuntu bavuga ko ibi ari ivyitwazo kugira ngo barwanye abatavuga rumwe n’ubutegetsi imbere y’amatora ategekanijwe mu kwa mbere kw’umwaka uza.

Uyu munyamuziki, izina ryiwe ry’ukuri rikaba ari Robert Kyagulanyi, ari mu banyapolitike 11 bahanganye na Perezida Yoweri Museveni ari ku butegetsi kuva mu 1986.

Ihagarikwa ryiwe ku wa gatatu ryarateye uburakari abanywanyi biwe. Imirwi y’urwaruka yarazibiye amabarabara, aturira amapine n’ibindi vyose vyashobora gukoreshwa mu kuzibira amabarabara ku mugwa mukuru Kampala hamwe no mu bindi bisagara.

Abajejwe umutekano bakoresheje vya vyuka bikoroza amosozi n’amasasu nyayo mu kwirukana abari muri iyo myiyerekano.

Afatiye ku makuru avuga ko hari abajejwe umutekano 11 bakomerekeye muri iyi migumuko, Bwana Tumwine yabwiye abanyamakuru ko “igipolisi gifise uburenganzira bwo kukurasa kikakwica iyo ushitse ku rugero kanaka rwo guhungabanya umutekano”.

“Nsubiremwo? Igipolisi gifise uburenganzira bwo kukurasa kandi ugapfira ubusa…. rero ubikore ku gatwe kawe”.

Mw’itangazo casohoye, igipolisi gitangaza ko abantu 28 bapfiriye muri iyo migumuko yo ku wa gatatu no ku wa kane, ariko itororokanirizo ry’amakuru AP risubiramwo umupolisi w’umuganga hamwe n’umukuru w’igisata c’amagara y’abantu mu gipolisi bavuga ko baharuye abantu 37 gushika ku wa kane mu gatondo.

Mu kwa gatandatu, Bobi Wine yariyemeje kurenga ku mabwirizwa abuza imyiyamamazo yafashwe kubera coronavirus. Yagiriza Perezida Museveni ko “atinya abanyagihugu”.

Umuvugizi wa leta ya Uganda Don Wanyama yabwiye BBC ko abajejwe umutekano badashobora “kurera amaboko ngo bareke akajagari”.

Avuga kandi ko Perezida Museveni wewe “akurikiza amabwirizwa yatanzwe n’umurwi ujejwe gutegura amatora hamwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu”.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch rivuga ko bigaragara ko abategetsi ba Uganda bikika inyuma y’ingingo zo kurwanya Covid-19 kugira ngo baturatuze abatavuga rumwe n’ubutegetsi kandi ko umugambwe uri ku butegetsi ukoranya isinzi rinini ry’abantu mu myiyamamazo yawo.

Umutekano warakomejwe inyuma y’ifatwa rya Bobi Wine. Abategetsi bavuga ko abasirikare barungitswe ku mabarabara makuru makuru yinjira i Kampala.

Mu myaka irenga 30 amaze ku butegetsi, Perezida Museveni akunze kwagirizwa ko akoresha igikenye mu gutuza abanyapolitike bamurwanya, ivyo wewe yama ahakana.

Exit mobile version