Site icon Rugali – Amakuru

Uganda: Museveni yagenye imfura ye Gen Muhoozi Kainerugaba kuyobora ingabo zimurinda

Perezida Yoweri Museveni yagenye umuhungu wiwe w'imfura, Liyetena Jenerali Muhoozi Kainerugaba, ngo arongore ingabo zidasanzwe za Uganda, ingabo karuhariwe zifise igikorwa co gucungera umukuru w'igihugu n'umuryango wiwe. Iri genwa riri mu bikorwa vyinshi vyo gutunganya gushasha inzego z'umutekano, rikaba ribaye hasigaye ikiringo kidashika ukwezi ngo habe amatora y'umukuru w'igihugu. Perezida Museveni ari ku butegetsi kuva mu 1986 akaba ariko arondera kwitoza ngo abandanye arongoye igihugu ca Uganda mu kindi kiringo. Uganda: Umushikiranganji yagirizwa kurasa umuntu Uganda itegeka abanyamakuru kwiyandikisha gushasha Uganda: Impamvu Bobi Wine abaye ahagaritse kwiyamamaza Inyuma y'ivyigwa vya gisirikare yaronkeye mu Bwongereza, muri Amerika, mu Misiri no muri Afrika y'Epfo, Muhoozi Kainerugaba yagiye aduzwa amapete mu gisirikare ca Uganda. Mu 2016 yavuye kw'ipete rya General de Brigade aba Jenerali Majoro, hanyuma agenwa kuba Liyetena Jenerali mu kwa mbere 2019, ipete rigira kabiri mu gisirikare ca Uganda. Yaranabaye umuhanuzi wa Perezida Museveni, se wiwe, mu bikorwa vya gisirikare bidasanzwe, akaba asubiye kuri ico giti c'umukuru w'ingabo zidasanzwe inyuma y'imyaka irenga cumi. Mu bandi bagenywe, Jenerali Majoro Paul Lokech yahoze arongoye ingabo za Uganda muri Somalia, nawe yabaye icegera c'umukuru w'igipolisi. Azwi cane ko yabaye karuhariwe mu kurwanya wa muhari Al-Shabaab mu myaka ya 2011 na 2012. Jenerali Majoro Sabiiti Muzeeyi nawe yari arongoye ibikorwa vyo kurwanya imigumuko iheruka ku mugwa mukuru Kampala yahitanye abantu barenga 50 - inyuma y'ihagarikwa ry'umwe mu bariko bahiganwa na Perezida Museveni, Bobi Wine - nawe yarungitswe ku cicaro gikuru ca gisirikare ca Uganda. Reta ya Uganda iranegurwa cane kuva mu ndwi nkeya ziheze, mbere Leta Zunze Ubumwe za Amerika, zikagabisha ko zishobora gufatira ibihano bamwe mu bategetsi bakuru bakuru mu nzego z'umutekano, inyuma y'ubwo bwicanyi. Hagati aho, umwe mu bashikiranganji ba Uganda yarashigikiye ibikorwa vy'inzego z'umutekano muri ico gihe c'imigumuko.

Perezida Yoweri Museveni yagenye umuhungu wiwe w’imfura, Liyetena Jenerali Muhoozi Kainerugaba, ngo arongore ingabo zidasanzwe za Uganda, ingabo karuhariwe zifise igikorwa co gucungera umukuru w’igihugu n’umuryango wiwe.

Iri genwa riri mu bikorwa vyinshi vyo gutunganya gushasha inzego z’umutekano, rikaba ribaye hasigaye ikiringo kidashika ukwezi ngo habe amatora y’umukuru w’igihugu.

Perezida Museveni ari ku butegetsi kuva mu 1986 akaba ariko arondera kwitoza ngo abandanye arongoye igihugu ca Uganda mu kindi kiringo.

Inyuma y’ivyigwa vya gisirikare yaronkeye mu Bwongereza, muri Amerika, mu Misiri no muri Afrika y’Epfo, Muhoozi Kainerugaba yagiye aduzwa amapete mu gisirikare ca Uganda.

Mu 2016 yavuye kw’ipete rya General de Brigade aba Jenerali Majoro, hanyuma agenwa kuba Liyetena Jenerali mu kwa mbere 2019, ipete rigira kabiri mu gisirikare ca Uganda.

Yaranabaye umuhanuzi wa Perezida Museveni, se wiwe, mu bikorwa vya gisirikare bidasanzwe, akaba asubiye kuri ico giti c’umukuru w’ingabo zidasanzwe inyuma y’imyaka irenga cumi.

Mu bandi bagenywe, Jenerali Majoro Paul Lokech yahoze arongoye ingabo za Uganda muri Somalia, nawe yabaye icegera c’umukuru w’igipolisi.

Azwi cane ko yabaye karuhariwe mu kurwanya wa muhari Al-Shabaab mu myaka ya 2011 na 2012.

Jenerali Majoro Sabiiti Muzeeyi nawe yari arongoye ibikorwa vyo kurwanya imigumuko iheruka ku mugwa mukuru Kampala yahitanye abantu barenga 50 – inyuma y’ihagarikwa ry’umwe mu bariko bahiganwa na Perezida Museveni, Bobi Wine – nawe yarungitswe ku cicaro gikuru ca gisirikare ca Uganda.

Reta ya Uganda iranegurwa cane kuva mu ndwi nkeya ziheze, mbere Leta Zunze Ubumwe za Amerika, zikagabisha ko zishobora gufatira ibihano bamwe mu bategetsi bakuru bakuru mu nzego z’umutekano, inyuma y’ubwo bwicanyi.

Hagati aho, umwe mu bashikiranganji ba Uganda yarashigikiye ibikorwa vy’inzego z’umutekano muri ico gihe c’imigumuko.

Exit mobile version