Site icon Rugali – Amakuru

UE-Burundi: Ibihano byari byafatiwe Uburundi byakuweho

Uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya mu Burundi Claude Bochu amenyesha ko ingingo yahagarika imfashanyo ku Burundi yavanyweho. Ivyo Claude Bochu yabimenyesheje mu mubonano yagiriraniye n’umukuru w’igihugu kuri uyu wa mbere itariki 21 z’ukwezi kwa gatandatu mu 2021.

Uburundi na EU bamaze imisi mu biganiro aho bariko barihweza ingene izo mpande zibiri zosubira kugiriranira imigenderanire no gufashanya inyuma yo kurabana ribi bivuye ku gutungana agatoke ku midurumbanyo yadutse mu 2015.

Ihirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, EAC -rigizwe n’Uburundi, Urwanda, Uganda, Tanzania, Kenya, na Sudan y’Epfo – n’iryo ubumwe bwa Afrika bamaze imisi basaba ko ibihano vyafatiwe Uburundi bihagarikwa. Inama ya ONU ijejwe umutekano kw’isi na yo iheruka gukura Uburundi ku rutonde rw’ibihugu bitangirwa icegeranyo buri mezi atatu, ivuga ko ibintu muri ico gihugu biriko birasubira mu buryo.

Ariko amwe amwed mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, yaba ay’Abarundi canke mpuzamakungu, avuga ko hatari bwagere ko ivyo bihano bikurwaho kuko agateka ka zina muntu kakibandanya guhonyangwa.

Muri ayo, hari HRW yari yasohoye itangazo kuri uyu wa mbere isaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya kubanza gutenyenya guhagarika ibihano vyafatiwe Uburundi.

Ku rubuga rwa Twitter, reta y’Uburundi iremeza ko izo nzitizi zo kudaha imfashanyo Uburundi zavuyeho.

Tambuka Twitter ubutumwa, 1

Impera ya Twitter ubutumwa, 1

Mu 2016, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya (UE) ryarafashe ingingo yo guhagarika imfashanyo zigenewe Uburundi ribwagiriza kutubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu.

Iyo ngingo yaje ikurikira ingorane za politike zadutse muri ico gihugu, inyuma y’aho mu 2015 habaye ukutumvikana ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu yari ahari ico gihe, nyakwigendera Pierre Nkurunziza.

Mu ntango z’ukwezi kwa cumi mu 2015, EU yarafatiye ibihano abantu bane, ivuga ko babangamiye demokrasi mu Burundi. Iyo ngingo ariko ntiraba abo bagabo bane.

BBC

Exit mobile version