Reta y’Uburundi iri mu myiteguro idasanzwe yo kwakira impunzi za mbere zizohunguka zivuye mu Rwanda. Ibibanza 2 ni vyo vyategekanijwe kugira bizokwakire abo barundi vyitezwe ko bashika mu gihugu cabo kw’itariki ya 27 z’ukwezi kw’umunani uyu mwaka turimwo.
Amakuru Ijwi ry’Amerika rikesha bamwe mu bakozi ba HCR mu Burundi, amenyesha ko ikibanza ca mbere kiri ahitwa I Songore muri komine Kiremba y’intara ya Ngozi, ikindi kikaba ahitwa Kinazi muri komine n’intara ya Muyinga.
Ayo makuru nyene yemeza ko kuva kuri uyu wa kabiri habaye kugendera ivyo bibanza kugira barabe ibikenewe vyose ko bikwiye kugira igikorwa co kwakira abazohunguka ubwa mbere kigende neza. Ayandi makuru Radiyo yanyu ikesha abakozi bo mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere mu gisata co gutahukana impunzi, amenyesha ko hariko harigwa ukuntu hoboneka ikindi kibanza co kwakira abahunguka mu Kirundo kugira bazobapfunyirize urugendo.
Ayo makuru kandi avuga ko kuri uyu gatatu habaye kugendera umupaka wa Gasenyi- Nemba mu Kirundo kugira batunganye neza ibikenewe kwakira izo mpunzi. Abagendeye ivyo bibanza nk’uko ayo makuru abivuga, bagizwe n’intumwa za Reta y’Uburundi, HCR n’abandi bafasha mu gikorwa co gutahukana impunzi mu Burundi.
Bimwe mu vyo basanze vyihutirwa gukora muri ivyo bibanza, harimwo gusanura inyubakwa no kuzongereza, kwubaka utuzu twa surwumwe no gutegekanya gukinga ikiza ca COVID-19 vyose bikazoba vyarangiye itariki 25 z’ukwezi kw’umunani uyu mwaka turimwo.
VOA