Site icon Rugali – Amakuru

U Burundi burashinja u Rwanda kubuza impunzi z’abarundi gutaha

U Burundi bwagiriza u Rwanda kubuza impunzi gutahuka. Ubutegetsi bw’u Burundi bwagirije ku mugaragaro igihugu c’u Rwanda buvuga ko kibuza impunzi z’Abarundi bahungiyeyo gutahuka mu gihugu c’amavuko kandi bavyipfuza.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Alain Diomede Nzeyimana, ivyo yabivuze inyuma y’ibiganiro hagati ya Prezida Pierre Nkurunziza n’umukuru w’igisata ca ONU kijejwe impunzi, HCR, Filipo Grandi, vyabereye mu mwiherero i Bujumbura.

Bwana Grandi ari mu rugendo mu bihugu bitandukanye mu karere k’ibiyaga binini, aremera ko ikibazo c’impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda kigoye.

Avuga ko yabonanye na Prezida Paul Kagame kandi ko HCR iriko irarondera uburyo impande zose zotorera inyishu ico kibazo mu mahoro.

Abo Barundi bavugwa ni abahungiye mu Rwanda kuva mu mwaka w’2015 igihe haduka uruhagarara mu gihugu, Prezida Pierre Nkurunziza amaze kugenwa n’umugambwe wiwe ngo azowuserukiye mu matora y’umukuru w’igihugu yo 2015.

Impunzi z'Abarundi mu RwandaUwufise ububasha kw’isanamuGETTY IMAGES
Image captionU Burundi buvuga ko abanyagihugu babwo bahungiye mu Rwanda babuzwa gutahuka

Ico gihe umugambwe CNDD FDD wavuga ko Nkurunziza afise uburenganzira bwo kwitoza ikiringo kigira kabiri, mu gihe abatavuga rumwe nawe baravuga ko ari ikiringo ca gatatu, giteye kubiri n’amategeko.

Uwufise ububasha kw’isanamuGETTY IMAGESImage captionUmukuru w’ishirahamwe rya ONU riraba ivy’impunzi (HCR), Filippo Grandi, yabonanye uno munsi n’umukuru w’igihugu c’u Burundi, Pierre Nkurunziza

Harabaye n’ibitero vyavuzwe ko vyagabwe n’Abarundi baherewe inyigisho mu Rwanda, ariko ico gihugu carabihakanye civuye inyuma.

Kuva ico gihe imigenderanire hagati y’ibihugu vyombi imeze nabi, kandi ababikurikiranira hafi bavuga ko ubu ibintu bigeze ku ntambwe iteye ubwoba.

Exit mobile version