Site icon Rugali – Amakuru

Trump yemeye kubonmana na Kim Jong-un

Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, yemeye kubonana na Prezida wa Korea ya Ruguru Kim Jong-un.

Uwo mubonano utegekanijwe mu kwezi kwa gatanu nkuko Korea Yepfo yabishikirije, ukaba uzoba ubaye uwa mbere hagati yabo bategetsi babiri bafatana nk’abakeba.

Kubona Bwana Trump yemera uwo mubonano na mugenziwe wa Korea ya Ruguru vyatangaje benshi i Washington, harimwo n’abo mu butegetsi bwiwe.

Haraheze umunsi umwe umushikiranganji w’imigenderanire, Rex Tillerson, avuze ko hategekanijwe ibiganiro amaso mu yandi vy’abaserukira ivyo bihugu.

(Bwana Trump avuga ko ibihano bizogumizwaho, gushika igihe hazoba hapfunditswe amasezerano yo kuvavanura n’umugambi wa “nucléaire”. Yarateranye kenshi amajambo y’ibitusti na Bwana Kim.)

Exit mobile version