Site icon Rugali – Amakuru

Tokyo 2020: Umukuru wa Olempike ashobora guhagarika izi nkino bibaye ngombwa

Umukuru w’umurwi ujejwe gutegura Tokyo 2020 avuga ko bibaye ngombwa shobora guhagarika izi nkino za Olempike. Toshiro Muto avuga ko azokwama ashinze ijisho ku bitigiri vy’abandura Covid-19, kandi ko azobandanya ibiganiro mu gihe vyoba nkenerwa. Abarenga 70 bafise uruhara muri izi nkino baramaze kwandura uwu mugera imbere y’uko izi nkino zinatangura, ibirori vyo kuzugurura bikaba bitegekanijwe hirya y’ejo ku wa gatanu.

Ashikirije aya majambo ku musi nyene umukuru wa komite mpuzamakungu ya Olempike (IOC) Thomas Bach avugiyeko ivyo guhagarika izi nkino “atabiri mu mutwe”. Mu ntango z’uku kwezi, Ubuyapani bwatangaje ko izi nkino zizoba ukuri kwamye ata barorerezi bariho – n’aho amakenga yari menshi ku bijanye na Covid. Abajijwe nimba izi nkino zishobora guhagarikwa kandi umusi wegereje mu kiganiro n’abanyamakuru, Muto yishuye ati: “Tuzobandanya imibonano mu gihe ibitigiri vy’abandura vyobandanya vyiyongera”.

“Muri uno mwanya, abandura coronavirus bafise kwiyongera canke bakagabanuka, rero tuzorabira hamwe ico twokora mu gihe ibitigiri vyokwiyongera”. N’aho inkino zitaratangura icese gushika ku wa gatanu, kuva kuri uwu wa gatatu hatanguye amahiganwa ya softball n’umupira w’amaguru ku ruhande rw’abagore. Mu ntango z’ino ndwi, abakinyi babiri b’umupira w’amaguru ba Afrika y’Epfo baranduye coronavirus mu gihe bari mu kibanza categekanirijwe abahiganwa.

Abantu 71 bose hamwe bafise uruhara muri izi nkino za olempike i Tokyo, harimwo mbere n’abategerezwa guhiganwa, baramaze kwandura uwu mugera. Inkino za Olempike na Paralempike za 2020 zarungurujwe mu kiringo c’umwaka kubera iki kiza karanda ca coronavirus. Nibwo bwa mbere izi nkino zungurujwe inyuma y’imyaka 124 yari ihaciye muri kahise kazo.

Ibirori vyo kwugurura izi nkino za Olepmike bitegekanijwe ku wa gatanu, n’aho urukino rwa mbere rwatanguye kuri uwu wa gatatu, rukaba ari urwa softball hagati y’Ubuyapani na Australia. Amahiganwa ya Olempike ategekanijwe kuzorangira ku wa 08 z’ukwa munani, mu gihe iza Paralempike nazo zitegekanijwe gutangura ku wa 24 z’ukwa munani zikarangira ku wa 05 z’ukw’icenda.

Ariko rero abanyagihugu baraziyamiriza kubera ingingo zashizweho mu ntumbero yo kwirinda coronavirus. Abanyagihugu bo mu Buyapani bafise kandi amakenga ku bantu ibihumbi n’ibihumbi bagiye muri izo nkino bakabona ko ibi bishobora gutuma iki kiza kirandaranda. Igisagara ca Tokyo kizokwakira izi nkino gihanganye n’ibitigiri vy’abandura vyasubiye kuduga, aho ejo ku wa kabiri abantu 1387 bamenyekanye ko banduye.

Muri kino gihe, Ubuyapani buri mu bihe bidasanzwe gushika ku wa 22 z’ukwa munani. Abajejwe gutegura izi nkino “bariko bakora ibishoboka vyose kugira ngo zizogende neza ijana kw’ijana”, nk’uko bivugwa n’umuvugizi wabo inyuma y’ivyashikirijwe na Muto ejo ku wa kabiri. Muri izi nkino za Olempike Tokyo2020, Uburundi bwaserukiwe n’abanonotsi batandatu. U Rwanda narwo ruserukirwa na batanu, inyuma y’aho Felicien Muhitira yari kwiruka muri marathon akuriwe ku rutonde kubera yanduye Covid-19.

Exit mobile version