Site icon Rugali – Amakuru

Tanzaniya nayo barayitangiye! Bajye bazirikana uwababwiye ati: “I will Just Wait For You At the Right Place And I will Hit You”

Tanzaniya: Ibitero vy’Intagondwa za ISIS ku Rubibe na Mozambike. Intagondwa zikora iterabwoba zamuka muri Mozambike zaragavye igitero c’iterabwoba muri Tanzaniya mu ndwi iheze, hapfa abantu bataramenyekana igitigiri, mu gihe ico gihugu kiri mu bihe bishushe vy’imyiyamamazo y’amatora.

Izo ntagondwa ziyitirira idini rya kiyisilamu zatanguye kugaba ibitero mu gice kirwiriyemwo gaze mu buraruko bwa Mozambike mu 2017, mu mwaka wakurikiye baca bitangaza ko bayoboka umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu.

Ibitero bitari bike bito bito vyagirijwe intagondwa za kiyisilamu vyaratewe muri Tanzaniya, harapfa abaporisi n’abategetsi bo mu ntwaro mu buseruko bw’akarere ka Kibiti mu 2016 na 2017.

Mu kwezi kwa cumi na kumwe umwaka uheze, igiporisi ca Tanzaniya cavuze ko habaye igitero ku rubibe begetse ku barwanyi baturutse muri Mozambike.

Intagondwa za kiyisilamu mu karere ka Afrika yo hagati, ziyoboka umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu, mu ndwi iheze zariyemereye ko zateye i Mtwara muri Tanzaniya, hafi y’ububibe na Mozambike, kw’itariki 14 z’ukwezi kwa cumi.

Simon Sirro, umukuru w’igiporisi ku kirindiro c’i Kitaya mu bumanuko bw’igisagara ca Mtwara muri Tanzaniya, yavuze ko abantu hafi 300 bateye mu ndwi iheze bica n’abantu.

Uwo muhari w’iterabwoba wiyitirira reta ya kiyisilamu watanguye ibitero vy’iterabwoba muri Mozambike kuva mu 2017, kandi mu ntango z’uyu mwaka watangaje ku mugaragara ko intumbero yawo ari ukwigarurira iyo ntara irimwo gaze ikaba icumbi ryabo.

Ibitero vy’uwo muhari bimaze guhitana abantu barenga 1 500 n’abashika 250 000 bateshejwe ingo zabo, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe ritororokanya abasiga ubuzima mu ntambara, ACLED.

Iki gitero kuri Tanzaniya kije ata ndwi isigaye ngo ico gihugu cinjire mu matora y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka ku musi wa gatatu uza.

https://www.radiyoyacuvoa.com/a/5631826.html

Exit mobile version