Igiporisi ca Tanzania cashwiragije abanywanyi ba CHADEMA bari biyegeranirije imbere ya sentare ya Kisutu i Dar es Salaam, ahari hitezwe kubera urubanza rw’umukuru w’uwu mugambwe Freeman Mbowe.
Uru rubanza rwari rwitezwe kuburanishwa hifashishijwe ubuhinga bwa videwo vyabaye ngombwa ko rwunguruzwa kubera ibibazo vy’ubuhinga.
Vyitezwe ko Mbowe ashikanwa kuri sentare ejo mu gatondo kugira ngo acirirwe urubanza.
Abanywanyi ba Chadema bari biyegeranirije hanze ya sentare bafise n’ivyapa vyanditseko ngo ‘Mbowe si intagondwa’, hanyuma kandi batera akamo bavuga ngo ‘ibwirizwashingiro si ubugumutsi’.
Hagati aho, igipolisi cashwiragije abo banywanyi ba Chadema abatari bake nabo barahagarikwa.
Abashingwamanza ba Mbowe barongowe na Peter Kibatala, bari muri sentare n’aho umukiriya wabo yari apfungiwe mu gasho ka Ukonga.
Mbowe yagirizwa kubangamira ubutunzi bw’igihugu n’ibikorwa vy’ubugumutsi.
Abanegura reta, harimwo n’umugambwe CHADEMA hamwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu babona ko uru rubanza ari urwa poritike, bagasaba reta kurekura uyu munyaporitike.
Ariko igiporisi kirahakana ibi bivugwa, kikavuga ko gifise ivyemezo bikwiye vyerekana ko Mbowe yakoze ivyo vyaha yagirizwa, kigasaba ko boreka ubucamanza bugakora igikorwa cabwo.
Mw’itangazo yaraye isohoye buca haba uru rubanza rwa Mbowe, umukuru w’igisata ca Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko mw’ishirahamwe Amnesty International, Deprose Muchena, yavuze ko kumuhagarika muri kiki gihe bituma abantu bibaza ko ari amayeri yo kunumya abanegura reta.
Mbowe yafatanywe n’abandi banywanyi b’umugambwe 11 ku kivuko ca Mwanza mu kw’indwi, mu gihe yari yiteze kugirana ikiganiro n’abamenyeshamakuru ku bijanye no guhindura ibwirizwashingiro.
Aba 11 bafatanywe nawe bagapfungirwa i Mwanza bahavuye barekurwa.