Igihe yariko ashikiriza ijambo ryiwe, Perezida Magufuli yabonetse akorora amosozi, aho avuga ko umuhisi Mkapa ari we yamugize ico ari ubu.

Yihanagura amosozi: “Iyo ataba mutama Mkapa, simba ndi hano ubu. Umutama Mkapa ni intwari yanje, n’igihe naba ndi mu bibazo bindengeye, ntiyigeze ampeba. Yarandeze nk’umwana wiwe”.

Magufuli yashimagije kandi umuhisi Mkapa nk’indongozi yamye afise ubushobozi budasanzwe bwo kuduza abandi barongozi.

“…twovuga ko yari umuntu abona kure cane, ni we yangejeje ku rwego runini. Niwe yagenye Jakaya Kikwete ngo abe umushikiranganji w’imigenderanire mu kiringo c’imyaka 10, aho urashobora kubona ko yariko aramutegura kumusubirira. Eka ni nawe yashoboye no kuduza perezida Shein wa Zanzibar, co kimwe n’uwahiganywe ku giti ca CCM muri Zanzibar, Dr. Mwinyi”.

U Burundi nibwo bwonyene bwahashitse

Ku ruhande rwiwe, Jenerali Alain-Guillaume Bunyoni yaserukiye u Burundi muri ivyo birori yashikirije ubutumwa yarungikanywe n’umukuru w’igihugu Jenerali Evariste Ndayishimiye, ubutumwa bwo guhoza Perezida Magufili n’abaTanzania bose.

Ati: “Umukuru w’igihugu yantumye ati ‘wihangane muri kino gihe kigoye’…turasabiye umuhisi Benjamin Mkapa Imana imwakire mu bwami bwayo”.

Umushikiranganji wa mbere w'u Burundi Bwana Bunyoni niwe yari arongoye intumwa z'u Burundi

Umushikiranganji wa mbere w’u Burundi Bwana Bunyoni niwe yari arongoye intumwa z’u Burundi

U Burundi nico gihugu conyene cashoboye kuba carungitse intumwa muri ivyo birori muri Tanzania, zari zirongowe na Jenerali Bunyoni, umushikiranganji wa mbere.

Umushikiranganji w’imigenderanire wa Tanzania akaba yamenyesheje ko bari biteze izindi ntumwa zari kuva muri Zimbabwe.

Yamenyesheje kandi ko indege yarimwo intumwa z’umukuru w’igihugu ca Kenya, vyabaye ngombwa ko isubira inyuma igeze mu karere ka Monduli mu ntara ya Arusha.

Prof.Palamagamba Kabudi ntiyamenyesheje igituma iyo ndege yasubiye inyuma itarashika i Dar es Asalaam.

Ikinyamakuru Daily Nation co muri muri Kenya canditse ubutumwa ku rubuga rwaco rwa Twitter kivuga ko iyo ndege yasubiye inyuma itarashika i Dar es Salaam kubera ikirere kibi.

Mkapak
Gusezera Benjamin Mkapa ku rwego rw’igihugu vyabereye ku kibuga Uhuru i Dar es Salaam
Hitavye abantu benshi cane