Site icon Rugali – Amakuru

Tanzania-Katorika: Ababikira 60 n’abapatiri 25 bapfuye mu mezi abiri

Ababikira 60 n’abapatiri 25 barapfuye muri Tanzania mu mezi abiri aheze inyuma yo kwerekana ibimenyetso vya coronavírus, nk’uko vyamenyeshejwe na Ekleziya Katorika muri ico gihugu.

Iyo Eklezia, yari isanzwe imaze kuvuga cane ku vyerekeye iyo ndwara mu gihugu kiri muri bike kw’isi bidashira ahabona amakuru ajanye nayo, yagabishije abanyaTanzania kwubahiriza cane ingingo zo kuyirinda.

Prezida Magufuli ntiyemera ko iyo ndwara iteye ikibazo muri ico gihugu, yaranse no gufata ingingo zo kuyirwanya – mu kwezi guheze naho umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu yavuze ko reta ata migambi ifise yo gutanga incanco.

Ariko Patiri Charles Kitima, umunyamabanga w’inama y’abepiskopi muri Tanzania (TEC) – ihuriro ry’abepiskopi ba Katorika, yavuze ko Covid-19 ari ukuri muri Tanzania.

“Umwe umwe wese muri twebwe ategerezwa gufata ingingo zikenewe kugira twikingire kandi dukingire n’abandi, na cane cane abageze mu zabukuru n’abasanganywe izinzdi ndwara,” nk’uko yabivuze mu kiganiro n’abamenyeshamakuru i Dar es Salaam.

Yavuze ko adashobora kwemeza ko abo bihebeye Imana bishwe na Covid-19 kuko batapimwe, n’ubwo berekanye ibimenyetso vyose vy’iyo ndwara birimwo “ingorane zo guhumeka”.

Patiri Kitima ati: “Abantu ntibapimwa. Iyo ni ingorane ikomeye. Ekleziya ifise amavuriro ashika 500 mu gihugu ariko ntiturekuriwe gupima kandi nta bikoresho dufise vyo kubikora.”

Yavuze ko Ekleziya yabonye ko imvugo y’abategetsi muri reta yahindutse ku vyerekeye ingingo zo kwirinda Covid-19, ariko avuga ko abantu batari bake batubahiriza izo ngingo kuko ata bihano bitegekanijwe ku bazirengako.

Bubaye ubwa kabiri Ekleziya Katorika ishira ijwi hejuru ku bijanye n’ukugeramirwa n’ikiza ca coronavirus mu gihugu, ivuga ko mu kwezi kwa mbere yari yabonye iyongerekana ry’abapfa mu ma paruwase yayo.

Tanzania nta biharuro bijanye na Covid-19 iratanga kuva mu kwezi kwa gatanu mu mwaka uheze.

Ishami rya ONU ryitaho amagara kw’isi OMS rimaze gusaba kenshi ico gihugu kubikora – no guhindura aho gihagaze ku ncanco ubu ziriko zirakwiragizwa biciye mu mugambi wa wa Covax.

Exit mobile version