Site icon Rugali – Amakuru

South Africa: Nadine Nkurikiye ni umwe mu mpunzi 500 zisaba ubundi buhungiro

South Africa: Nadine Nkurikiye ni umwe mu mpunzi 500 zisaba ubundi buhungiro

Umurundikazi Nadine Nkurikiye avuga ko ari umwe mu mpunzi zitagira ayo zicira n’ayo zimira inyuma y’imyaka 13 amaze ari impunzi muri Afrika y’Epfo.

Yabwiye BBC ko yahunze indyane z’amoko mu gihugu c’u Burundi akaza kwisanga mu magorwa yo gufatwa ku nguvu mu gihugu yari yizeye ko kirimwo umutekano.

Ari mu mpunzi zirenga 500 zigiye kumara amezi atanu ziri aho zahungiye mu rusengero mu gisagara ca Cape Town, mu gihe abadandaza muri ico gisagara babandanya basaba ko birukanwa.

Nyinshi muzi izo mpunzi zahungiye mu rusengero rwa Méthodiste, izindi nazo mu micungararo yaho, zikavuga ko ata mutekano zifise mu bisagara vya Afrika y’Epfo.

Zisaba ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR kuzironderera ubundi buhungiro.

Nadine Nkurikiye ati: “Ikintu conyene nsaba HCR ni uko yodufasha, ikaturonderera aho twoba mu mutekano, aho twokwemerwa nk’ibiremwamuntu, kuko Afrika y’Epfo itadufata nk’uko turi abantu”.

Ubuzima babayemwo muri urwo rusengero buteye agahinda nk’uko bivugwa n’iyindi mpunzi Aline Bukuru.

Ati: “Kwitwa impunzi ni ikintu kitoroshe. Iyo ubonye abantu baryama ahantu nk’aha…ndibaza ko ata muntu n’umwe yokwemera kuba mu buzima nk’ubu afise aho aba atekaniwe, nta n’umwe yoshima ubu buzima”.

Izo mpunzi zivuga ko zitarota ziva muri urwo rusengero gushika zironderewe ubundi buhungiro mu kindi gihugu atari Afrika y’Epfo.

Mu gihe abantu benshi muri ico gihugu batahura akababaro kabo, abadandariza mu micungararo y’urwo rusengero n’abasanzwe bahaba bavuga ko barushe, bagasaba ko izo mpunzi zokurwa aho hantu.

Bidoga bavuga ko zihonona kandi ko zatumye ibikorwa vyabo bihagarara.

Umwe muri bo Russel Rass ati: “Jewe mbona bovaho kuko ibintu bakora atawovyemera, kuko batwononera akarere. Si ukuvuga ngo turanka abanyamahanga, turiko turondera amahera, ibikorerwa ng’aha ntawovyemera”.

Bavuga ko barushe no kubona ayo mahema, abantu baryama bakituma hampande y’amazu yabo.

Mu gihe izo mpunzi zisaba ubundi buhungiro mu bindi bihugu, ishirahamwe HCR rivuga ko ata buhungiro rironderera abantu mu kivunga, rikavuga ko ikibazo c’umuntu cigwa ku gatwe kiwe.

Umurwi ujejwe agateka ka zinamuntu muri Afrika y’Epfo uvuga ko izo mpunzi zahenzwe n’abazirongoye.

Igisata kijejwe ubuhungiro muri Afrika y’Epfo kiridogerwa ko gikora cikwega, mu gihe isura y’ico gihugu yatosekajwe n’ibitero bikorwa ku banyamahanga.

BBC

Exit mobile version