Site icon Rugali – Amakuru

Sarkozy ari mu minwe y’igipolisi mu Bufaransa

Uwigeze gutwara igihugu c’Ubufaransa, Nicolas Sarkozy yatawe mu mvuto kugira ngo ashobore gusambishwa ku vyo aregwa ko yaronse amahera yo kwiyamamaza arungikiwe n’uwahora ari indingozi ya Libiya, Muammar Kadhafi.
Igipolisi kiriko gitohoza ku bivugwa ko yaronse ayo mahera bidaciye mu mategeko, yiyamamariza amatora yo mu 2007.

Igipolisi carigeze kumusambisha muri kahise.Amakuru ava mu gisata c’ubutungane avuga ko ariko arasambishirizwa ahitwa Nanterre, mu bwinjiriro bw’igisagara ca Paris mu burengero.

Mu 2013 Ubufaransa bwaratanguje itohoza ku birego bivuga ko yahawe na Kadhafi amahera yo kwiyamamaza bidaciye mu mategeko mu 2013, ariko Bwana Sarkozy yavuze ko ata kibi yakoze.

Abatanze amakuru bavuga ko umushikiranganji yaracuditse na Bwana Sarkozy, Brice Hortefeux, ariko arasambishwa n’igipolisi kuri uno wa kabiri.

Ivyo birego vyaturutse ku mugwizatunga w’umufaransa afise amamuko yo muri Libani, Ziad Takieddine, hamwe na bamwe mu bari mu butegetsi bwa Kadhafi.

Uwigeze kuba umufasha wiwe, Alexandre Djouhri, aheruka gufatigwa mu gisagara ca Londres.
Bwana Sarkozy yarananiwe kugaruka ku butegesti mu 2012.

 

Exit mobile version