Site icon Rugali – Amakuru

Samuel Eto’o: Rurangiranwa mu mupira w’amaguru yarokotse impanuka y’umuduga

Samuel Eto'o: Rurangiranwa mu mupira w'amaguru yarokotse impanuka y'umuduga

Samuel Eto’o, yatsindiye agashimwe k’umukinyi mwiza w’Umunyafrika inshuro zine, yararusimvye mu mpanuka y’imodoka ejo kuwa Mungu

Bwana Eto’o yari mu rugendo aja mu gisagara ca Douala, ca mbere mu bikorwa vy’ubutunzi muri Kameruni, nk’uko bitangazwa n’umuryango wiwe.

Yari avuye mu muji wa Bafoussam, mu burengero bwa Kameruni, aho yari yitavye ibirori vy’isabukuru mu mpera z’indwi.

Bivugwa ko umuduga wasovye umushoferi akagonga imiduga ibiri mu yari mu rukurikirane ruherekeje Eto’o.

Uyu mugabo yahoze ari rutahizamu wa Barcelona ari kwa muganga, nk’uko bitangazwa n’umwe mu bo mu muryango wiwe.

Umuvugizi wiwe yabwiye igisata ca BBC gitangaza mu rurimi rwa Pidgin, yuko Eto’o ameze neza kandi yuko umuduga wiwe wononekaye.

Yanse kugira ico avuga ku bindi bibazo vyose yabajijwe.

BBC Gahuza

Exit mobile version