Site icon Rugali – Amakuru

Rwanda-ICC: Kabuga ‘ntameze neza’ wo gukurikirana urubanza rwiwe

Kabuga iyo aza kuba umukene ubu aba yibereyeho neza kuko icyo azira ntakindi ni imitungo ye

Abashingwamanza b’umutunzi w’umunyarwanda yagirizwa jenoside yo mu 1994 basavye ko ivyo yagirizwa bihebwa bishimikije ko atameze neza kubera amagara amukitse.

Felicien Kabuga w’imyaka 84 yafatiwe mu Bufaransa haraheze umwaka, akaba apfungiwe i La Haye aho arindiriye gucirirwa urubanza n’urwego rwa ONU rwashinzwe kurangiza imanza zasigajwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha yari yashiriweho Urwanda.

Mu nyandiko yashikirijwe sentare – yabonywe n’itororokanirizo ry’amakuru rya AFP – uwuburanira Kabuga avuga ko kubandanya urwo rubanza gushobora gufatwa nko guhonyanga bikomeye uburenganzira bwiwe.

Kabuga, yigeze gufatwa nk’umwe mu batunzi ba mbere mu Rwanda, yikekwa kuba yarafashije mu gushinga umugwi witwaje ibigwanisho w’abahutu w’Interahamwe, akaba anagirizwa guhamagarira abahutu kwica abantu hakoreshejwe radio yari afisemwo imitahe. Ntibiramenyekana igihe hazosubira kubera urubanza rwiwe.

Mu kwezi kwa kane sentare ya Onu ica imanza za jenoside zasigaye iri i Arusha yategetse ko Emmanuel Altit abandanya kuburanira Kabuga, mu gihe yari yasavye gutanga imihoho muri urwo rubanza.

Mu mpera z’ukwezi kwa mbere, Altit yandikiye iyo sentare asaba kuva muri urwo rubanza kubera kutumvikana n’uwo aburanira n’umuryango wiwe nk’uko biri mu nyandiko za UNIRMCT.

Umugwi w’abacamanza batatu – Iain Bonomy, Graciela Santana na Elizabeth Ibanda-Nahamya baburanisha urwo rubanza, wasavye Altit gukora uko ashoboye kugira hagaruke ukwizerana hagati yiwe n’uwo aburanira.

Exit mobile version