Site icon Rugali – Amakuru

Rwanda: Human Rights Watch isaba amatohoza yigenga ku rupfu rwa Kizito Mihigo

shirahamwe Human Rights Watch riharanira agateka ka zina muntu risaba ko haba amatohoza ataho yegamiye ku rupfu rwa Kizito Mihigo, yatangajwe n’igipolisi ejo ko yiyahuye.

Lewis Mudge, aserukira iryo shirahamwe muri Afrika yo Hagati, avuga ko afise amakenga menshi ku bivugwa ko uyo munyamuziki yiyahuye kandi yari mu minwe y’ubutegetsi bw’u Rwanda.

Ejo ku wa mbere, umuvugizi w’igipolisi c’u Rwanda, yasohoye itangazo aho yavuga ko Kizito Mihigo yiyahuye mu masaha icumi n’imwe y’ubucagucagu aho yari apfungiwe kuri ‘station’ y’igipolisi ca Remera.

Kubwa Bwana Mudge, Kizito Mihigo azize kuba yari umuntu yasaba ubutungane butunganiriza impande zose inyuma ya jenoside yo mu Rwanda mu 1994.

Avugana n’ikiganiro Newsday ca BBC, Bwana Mudge yavuze ati: “Kizito Mihigo ntiyari umuririmvyi w’indirimbo z’Imana gusa, kuri benshi yaserukira abantu bagerageza kwerekana urundi ruhande rw’u Rwanda, cane cane ku bijanye na jenoside imyaka 26 iheze”.

Ati: “Kizito yahagaritswe ubwa mbere mu 2014 inyuma y’ururirimbo yasohoye asaba ko ubutungane bwokora ku mpande zose ku bijanye na jenoside, avuga aboba kumbure baragandaguwe n’umugambwe FPR uri ku butegetsi, hamwe kandi n’Abatutsi bacitse kw’icumu be n’abagandaguwe muri ubwo bwicanyi”.

Yibutsa ko Kizito Mihigo yabanje kuburirwa irengero, “mu nyuma mu 2015 ari imbere y’ubucamanza yagirijwe ivyaha vy’agahomerabunwa harimwo kugerageza kugandagura umukuru w’igihugu”.

Avuga ko kuva arekurwa mu 2018 ku kigongwe c’umukuru w’igihugu yari acungishijwe ijisho gushika aho afatiwe yagirizwa ko yariko agerageza gutoroka.

Avuga ko amakuru y’uko yiyahuye yababaje abantu benshi cane basanzwe bakurikiranira hafi ibibera mu Rwanda bakabona ko harimwo igipfungu (canke urujijo mu Kinyarwanda), ari naco gituma basaba amatohoza yigenga.

Ati: “Twebwe mw’ishirahamwe Human Rights Watch biraduhagaritse umutima, tukaba dufise amakenga menshi ko hashobora kuba hari ibintu bidasobanutse ku vyerekeye urupfu rwiwe, tugasaba ko haba amatohoza ataho yegamiye”.

Human Right Watch itangazwa n’ukwumva ko Kizito Mihigo yiyahuye kandi yari mu maboko y’ubutegetsi bw’u Rwanda bwari bumucunze bukanategerezwa no kumukingira mu gihe yohura n’ibibazo.

Bwana Mudge avuga ko atari ubwa mbere abantu basanzwe bari mu maboko y’abajejwe umutekano mu Rwanda bicwa, canke bagapfa mu buryo budatahuritse, canke bakanyuruzwa.

Uwufise ububasha kw’isanamuHRW.ORG
Image captionLewis Mudge aserukira HRW muri Afrika yo Hagati avuga ko atari ubwa mbere abantu basanzwe bari mu maboko y’abajejwe umutekano mu Rwanda bicwa

Atanga akarorero ko mu 2018 aho avuga ko hari umunyapolitike yari akomeye yazimiye kandi yari asanzwe ari mw’ibohero, “abarongoye ibohero bakaba bagiye gusohora itangazo bavuga ko yagerageje gutoroka, ariko kuva ico gihe akaba ata n’uwumuca ikanda”.

Mu 2014, Kizito Mihigo yasohoye ururirimbo yise “IGISOBANURO CY’URUPFU”, aho yavugamwo ko ari uburenganzira bw’abo bose bapfuye, ku mpande zose, mu gihe ca jenoside yo mu 1994 mu Rwanda ko bategerezwa kwibukwa, hamwe n’abo FPR yagirizwa kwica.

Kubw’iwe, ubwo bwicanyi ntibwigeze bwerekanwa neza.

Ati: “Kuva imyaka 26 yose iheze, ivyo vyaha biguma ari ikinyegezwa, bikaba bitoroshe kubivugako mu Rwanda, nk’uko ivyabashikiye Kizito bivyerekana inyuma y’aho asohoreye iyo ndirimbo”.

Hampande ya Human Rights Watch, ishirahamwe Amnesty International naryo nyene rimenyesha ko ryababajwe n’urwo rupfu, rigasaba ko amatohoza yimbitse yokorwa.

Mw’itangazo ryasohoye nijoro, Amnesty International rivuga riti:

“Ukuri gutegerezwa kumenyekana. Amatohoza ategerezwa kwerekana ukuri kwose, harimwo nimba hari ababigizemwo uruhara, kandi nimba imigirwa yo mw’ibohero n’imibereho yaho vyaragize uruhara mu rupfu rwa Kizito Mihigo”.

Kizito Mihigo bivugwa ko yafashwe n’abanyagihugu ku wa kane w’indwi iheze ari kumwe n’abagabo babiri, aho bavugwa ko bariko bagerageza kujabuka umupaka baja i Burundi, baca bashikirizwa inzego z’umutekano.

Yagirijwe ko yariko agerageza kwambuka mu buryo bunyuranyije n’amategeko, kandi ko yari agiye kwifatanya n’imitwe y’iterabwoba irwanya igihugu c’u Rwanda. Yagirizwa kandi n’icaha ca ruswa.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’u Rwanda basanzwe baba hanze y’ico gihugu bo bavuga ko yishwe.

Exit mobile version