Site icon Rugali – Amakuru

Rwanda: Busingye batangiye kumwagana ataragera muri UK nka ambasaderi mushya wa Kagame

Dominic Raab asabwa kutemera Busingye nk’umuserukizi mushasha w’u Rwanda kubera ibibazo vy’agateka ka muntu. Umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubwongereza Dominic Raab yasabwe guhagarika uwuherutse kugenwa ngo aserukire u Rwanda muri ico gihugu kubera avugwa ko afise uruhara mw’ipfungwa ry’umunyaporitike anegura ubutegetsi bw’iki gihugu.

Paul Rusesabagina yerekanwa muri videwo ya Hollywood, Hotel Rwanda, yakoresheje ihoteri yari arongoye i Kigali mu kurokora amajana n’amajana y’Abatutsi muri jenoside yo mu 1994. Mu mwaka uheze, yarahenzwe asanga yuriye indege yamugurukanye gushika mu Rwanda aho ariko araburanywa ku vyaha vy’iterabwoba.

Uyu mutegetsi mushasha yagenywe guserukira u Rwanda mu Bwongereza abandanya ashimangira ko uruhara rwiwe mu gutahukana Rusesabagina rwari rukurikije amategeko. Gushika agenwe muri ico kibanza, Johnston Busingye yari umushikiranganji w’ubutungane w’u Rwanda.

Umuvugizi wa reta y’u Rwanda avuga ko Busingye “yaranguye amabanga yiwe n’ubwira bwinshi”, anongerako y’uko ihagarikwa rya Rusesabagina ku vyaha vy’iterabwoba “ryakurikije amategeko yose y’igihugu na mpuzamakungu”.

Mu kwa munani 2020, Rusesabagina – yari asanzwe aba mu buhungiro muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika – yuriye indege yamushikanye i Dubai, yibaza ko yariko atera aja mu Burundi.

Ahubwo iyo ndege yahavuye imushikana mu Rwanda – ikintu abanywanyi biwe bafata ko ari inyuruzwa.

Avugana na televiziyo Al Jazeera mu kwa kabiri 2021, Busingye yavuze ko “reta ari yo yarishe” indege yatahukanye Rusesabagina i Kigali yongera iriha umuntu yamuhenze akamushikana muri iyo ndege.

Ati: “Ayo mafaranga yarishwe yari ayo gufasha mu ngendo z’uyo mugabo…gufasha integuro y’uyu mugabo yo gushikana Rusesabagina mu Rwanda”.

Abajijwe nimba ivyo vyari bijanye n’amategeko, Busingye yishuye ati: “Ego”.

Uyu ni Paul Rusesabagina, yerekanwa nk’intwari muri videwo ya Hollywood ku vyerekeye jenoside yo mu Rwanda mu 1994, atwawe muri sentare yambitswe amapingu i Kigali

Mu ntango z’uku kwezi, inyuma y’imyaka umunani yari amaze mu bushikiranganji bw’ubutungane, Busingye yarakuwe muri aya mabanga giturumbuka na Perezida Paul Kagame w’u Rwanda, mu gihe vyitezwe ko mu ndwi iza sentare izotangaza ingingo yafatiye Rusesabagina ku vyaha yagirizwa.

Rusesabagina, umwenegihugu w’umubirigi ariko yari asanzwe aba muri Amerika, aranegura cane umukuru w’igihugu c’u Rwanda ko atwaza umukazo.

Uyu mugabo w’imyaka 67 yahoze ari umukuru w’ihoteri – ubu akaba avugwa ko amagara yiwe abangamiwe – yagirizwa ivyaha bitandukanye vy’iterabwoba hamwe no gushinga umurwi witwaje ibirwanisho wagirizwa ibitero vy’iterabwoba mu Rwanda.

Abashikirizamanza (abashinjacyaha ku Kinyarwanda) bamusabira umunyororo w’ubuzima bwose, ariko abanywanyi ba Rusesabagina bariyamiriza uru rubanza bavuga ko ari “urw’amanyanga”.

Lantos Foundation, ishirahamwe rikomeye riharanira agateka ka zina muntu ryo muri Amerika, ryamaze gusaba abategetsi ba Amerika gufatira Busingye ibihano bizwi nka Magnitsky (ibi bikaba vyerekeye gufatirwa amatungo no kwimwa impusha zo kwinjira muri Amerika), ku “ruhara rukomeye” yagirizwa ko yagize “mw’ihonyanga rikomeye cane ry’agateka ka zina muntu “.

Ariko ubu, iri shirahamwe – ryatangujwe n’umuhisi Tom Lantos, umuyahudi umwe rudende yarokotse rya honyabwoko ryakorewe Abayahudi (Holocaust), yabaye umushingamateka wa Amerika – ryandikiye umushikiranganji Dominic Raab rimusaba kutemera amabanga ya Busingye, yongere afatire ibihano uyu yahoze ari umushikiranganji w’ubutungane.

‘Ibiterasoni’

Dr Katrina Lantos Swett arongoye iri shirahamwe, avuga ati: “Perezida Paul Kagame ashobora kuba yibaza ko, mu kurungika Johnston Busingye i London, ashobora kwibagiza ibikorwa biteye isoni vy’uyu yahoze ari umushikiranganji w’ubutungane hamwe n’ingene yahonyanze mu buryo bweruye agateka ka zina muntu k’iyi ntwari”.

Perezida George Bush wa Amerika yahaye agashimwe Rusesabagina ku ruhara rwiwe rwo kunyegeza abantu bari bageramiwe mu gihe ca jenoside yo mu Rwanda

“Ariko ibihugu vyubahiriza agateka ka muntu ntibishobora kwemerera Kagame kugerageza kunyegeza aya mabi mu kugena gusa Busingye mu yandi mabanga ahandi”.

Uyu mupfasoni avuga ko iri shirahamwe ryasavye umushikiranganji Raab kwanka igenwa rya Busingye nk’uwuserukira u Rwanda.

Yongerako ati: “Vyongeye, reta y’Ubwongereza yategerezwa gukora amatohoza ata gufyina kandi yimbitse ku bijanye n’inyuruzwa rya Rusesabagina hamwe n’uruhara Busingye yabigizemwo”.

Mu masezerano y’i Vienne (Vienna Convention), abagenwa guserukira ibihugu vyabo mu Bwongereza bashobora gutangura ibikorwa vyabo muri Sentare ya St James mu gihe ibiro vy’ubushikiranganji bw’imigenderanire bitanze icitwa “agrément” (iyemezwa).

Aho ni ho honyene iri genwa rishobora kwemezwa n’Umwamikazi.

Abagenywe bose bigwa umwe umwe ku giti ciwe kandi ibintu bitari bike bibanza kwihwezwa imbere y’uko ingingo ifatwa.

Ibiro vy’ubushikiranganji bw’imigenderanire bwanse kugira ico bushikirije, ariko bizwi ko gushika ubu bitaraha Busingye agrément.

Yolande Makolo, umuvugizi wa reta y’u Rwanda, avuga ati: “Johnston Busingye aherutse kugenwa guserukira u Rwanda mu Bwongereza yararanguye n’ubwira bwinshi amabanga yiwe nk’umushikiranganji w’ubutungane be n’umushikirizamanza mukuru wa Repubulika kuva 2013, imbere y’aho akaba yari umukuru wa sentare nkuru y’igihugu, hamwe n’umucamanza mukuru wa sentare ya Afrika y’Ubuseruko.

“Ihagarikwa rya Paul Rusesabagina ryisunze umutahe ukomeye w’iterabwoba n’ibindi vyaha bifitaniye isano na ryo ryakurikije amategeko y’igihugu na mpuzamakungu, kandi gushika ubu urubanza rwiwe ruri mu muco ari kumwe n’abandi 20 bagenziwe bo mu murwi FLN witwaje ibirwanisho yari arongoye”.

 

Exit mobile version