Site icon Rugali – Amakuru

Rwanda-Burundi: Nibyiza ko Kagame yatanze abarwanyi 19 ba Red Tabara. None azatanga Gen Niyombare na Hussein Radjabu ryari?

Burundi-Rwanda: Abwanyi 19 bari bafatiwe mu Rwanda bashikirijwe. Uburundi bwashikirijwe abarwanyi 19 bo mu muhari Red Tabara bari bafatiwe mu Rwanda mu kwezi kw’icumi mu 2020, ico gikorwa kikaba cabereye ku mupaka wa Gasenyi/Nemba ibihugu bisangiye mu buraruko bw’Uburundi no mu bumanuko bw’Urwanda.

Abo barwanyi bashikirijwe umukuru w’igisata c’iperereza mu ngabo z’Uburundi, Colonel Ernest Musaba, na mugenziwe ajejwe imirimo nk’iyo mu ngabo z’Urwanda Brig. Gen Vincent Nyakarundi, nk’uko vyandikwa n’ibinyamakuru vyo mu Rwanda Igihe.com na New Times.

Hari kandi n’abahagarariye urwego ruhuriweko rwo gusuzuma ibibazo vy’umutekano ku mipaka mu bihugu vy’akarere mu rwego rw’inama mpuzamakungu y’ibihugu vy’ibiyaga binini CIRGL/ICGLR (Expanded Joint Verification Mechanism EJVM canke Mechanisme Conjoint de Verification MCVE).

Bubicishije ku rubuga rwa Twitter, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu Burundi buvuga ko “Urwanda rwashikirije Uburundi inkozi z’ikibi 19 z’abarundi zari zahungiye muri ico gihugu ziheje gukora amabi”.

Abo barwanyi bari bafatiwe muri segiteri ya Ruheru muri district ya Nyaruguru mu Rwanda mu kwezi kw’icumi 2020.

Bikimenyekana ko bafashwe, Uburundi bwari bwasavye Urwanda ko rwobubashikiriza ata zindi nzira vyiriwe biracamwo.

AHAVUYE ISANAMU,FDN

Insiguro y’isanamu,Bimwe mu bigwanisho n’ibikoresho vya gisirikare abo bagwanyi bafatanywe navyo vyashikirijwe intumwa z’Uburundi

Red Tabara n’umwe mu mihari ivuga ko igwanya reta y’Uburundi ishingiye cane cane mu gihugu kibanyi ca Republika ya Democrasi ya Congo.

Reta y’Uburundi ivuga ariko ko bamwe binjiye muri iyo mihari bava iyo bari barahungiye mu Rwanda na cane cane inyuma y’igeregezwa ryo gutembagaza ubutegetsi mu Burundi mu kwezi kwa gatanu mu 2015.

Reta y’Urwanda ivyo irabihakana, gusa imigenderanire hagati y’ivyo bihugu yagumye ari mibi kuva ico gihe.

Ariko kuva mu mwaka uheze hamaze guterwa intambwe nyinshi zo kunagura iyo migenderanire.

Kimwe mu vyabaye ikimenyetso gikomeye ko intambwe igeze kure rwabaye urugendo rwa ministre w’intebe w’Urwanda mu Burundi.

Edouard Ngirente yahagarariye igihugu ciwe mu birori vyo guhimbaza imyaka 59 Uburundi bumaze bwikukiye itariki ya mbere ukwezi kw’indwi uwu mwaka i Bujumbura.

BBC Gahuza

Exit mobile version