Site icon Rugali – Amakuru

Rwanda: 2 Barimwo Impunzi y’Umurundi 1 Babasanze Bapfiriye mu Nzu

Ababanyi ndetse n’inzego zibanze bikekako boba bahawe uburozi.

Abantu babiri barimwo impunzi y’Umurundi umwe babasanze bapfiriye mu nzu I Kigali mu Rwanda.

Amakuru yatanguye kumenyekana inyuma y’umutaga kuri uyu wa kabiri. Abo bantu uko ari 2 bagizwe n’umugore w’umunyarwandakazi hamwe n’ umusore w’impunzi aturuka mu Burundi, bahora baba mu karere ka Kicukiro mu gisagara ca Kigali. Umwe wese muri abo yibana wenyene.

Ababanyi babo bavuga nbari basangiye inzoga ku munsi wa Mungu uheze. Ababanyi ndetse n’inzego zibanze bikekako bwoba ari uburozi.

Uwo mugore yapfuye mw’ijoro ryo ku wa mbere, umusore w’Umurundi na we yitaba Imana kuri uyu wa kabiri.

Kugira bimenyekane ko uwo musore yapfiriye mu nzu ababanyi bagize amakenga ko badaheruka kumubona asohoka gutyo babomora umuryango basanga ikiziga ciwe mu nzu. Baciye bahamagara inzego z’umutekano.

Urwego rw’ubugenzacaha RIB ruremeza ayo makuru. Ruvuga ko rwatanguye amatohoza kugira hamenyekane icishe abo bantu.

Uwutwara comite y’impunzi muri Kigali arihanangiriza impunzi kudasubira gusohoka rwihishwa muri kino gihe ubutegetsi bwasavye abantu kuguma muhira mu kwirinda ikiza c’umugera wa corona.

Inkuru yateguwe n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika Pierre Claver Niyonkuru

 

Exit mobile version