Site icon Rugali – Amakuru

Reba uko abarundi bateje abagore imbere maze ureke cya gihugu kiyemera kandi cyarazamuye abagore abaterenze 300

Abarundi biginye umunsi wahariwe abakenyezi mu mwambaro mushasha. Ibirori vyo guhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakenyezi kw’isi vyatewe iteka n’umukenyezi wa mbere mu Burundi, Denise NKurunziza ari kumwe n’umunega wiwe, umukurru w’igihugu Pierre Nkurunziza.

Image captionUmukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza n’umukenyezi wa mbere Denise Nkurunziza

Abaserukira ibihugu vyabo bifadikanije n’abarundi muri ivyo birori vyo guhimbaza umunsi wahariwe umukenyezi kw’isi yose.

Image captionIbirori vyitabwe n’abaserukira ibihugu vyabo (ku mirongo yo hejuru)

Abigeme bagiye baraba rurangiranwa mu bisata bitandukanye ntibatanzwe muri ivyo birori.

Image captionAbigeme batsindiye udushimwe mu bisata bitandukanye

Abigeme bari mu nzego z’umutekano nabo nyene ntibahaze muri ivyo birori, berekana ko bazi gutambuka nka basaza babo.

Image captionAbagore bari mu gipolisi c’igihugu
Image captionAbakobwa bari mu gisirikare c’igihugu

Abo mu mashirahamwe n’ubuzi butandukanye bw’igihugu nabo nyene baritavye ivyo birori bambaye umwambaro wari wabiteguriwe.

Image captionAbagore bo mw’ishirahamwe Intwari
Image captionAbakozi ba leta
Image captionAbagore bo mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu

Ibirori ku rwego rw’igihugu vyabereye mu ntara ya Kayanza, aho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatangaje ko umukenyezi akwiye gushigikirwa bikwiye kubera ari imwe mu nkingi z’iterambere ry’igihugu.

Mw’ijambo umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yashikirije, yasavye abarundi bose gushigikira umukenyezi ngo kubera uruhara rwiwe ari kirumara mu gihugu.

Yasavye kandi abakenyezi kwijukira kurangura imigambi y’iterambere.

Mu kurangiza urubanza, Petero nkurunziza yatanze ubushimwe ku bakenyezi bigenjeje neza kurusha abandi muri uyu mwaka uheze

Exit mobile version