Abarundi biginye umunsi wahariwe abakenyezi mu mwambaro mushasha. Ibirori vyo guhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakenyezi kw’isi vyatewe iteka n’umukenyezi wa mbere mu Burundi, Denise NKurunziza ari kumwe n’umunega wiwe, umukurru w’igihugu Pierre Nkurunziza.
Abaserukira ibihugu vyabo bifadikanije n’abarundi muri ivyo birori vyo guhimbaza umunsi wahariwe umukenyezi kw’isi yose.
Abigeme bagiye baraba rurangiranwa mu bisata bitandukanye ntibatanzwe muri ivyo birori.
Abigeme bari mu nzego z’umutekano nabo nyene ntibahaze muri ivyo birori, berekana ko bazi gutambuka nka basaza babo.
Abo mu mashirahamwe n’ubuzi butandukanye bw’igihugu nabo nyene baritavye ivyo birori bambaye umwambaro wari wabiteguriwe.
Ibirori ku rwego rw’igihugu vyabereye mu ntara ya Kayanza, aho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatangaje ko umukenyezi akwiye gushigikirwa bikwiye kubera ari imwe mu nkingi z’iterambere ry’igihugu.
Mw’ijambo umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yashikirije, yasavye abarundi bose gushigikira umukenyezi ngo kubera uruhara rwiwe ari kirumara mu gihugu.
Yasavye kandi abakenyezi kwijukira kurangura imigambi y’iterambere.
Mu kurangiza urubanza, Petero nkurunziza yatanze ubushimwe ku bakenyezi bigenjeje neza kurusha abandi muri uyu mwaka uheze