Site icon Rugali – Amakuru

RD Congo: Intambara zasubiye kwaduka muri Minembwe, abantu bataye izabo

Minembwe

Mu karere ka Minembwe muri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo haravugwa ingwano zongeye kwaduka abantu benshi barata izabo bahunga.

Gad Mukiza arongoye ako karere, avuga ko izo ntambara ziri hagati y’imirwi yitwaje ibirwanisho y’abanyamulenge ku ruhande rumwe, n’abo mu bwoko bw’Abafulero, Ababembe, n’Abanyindu ku rundi ruhande.

Bwana Mukiza avuga ko zatanguriye muri Segiteri ya Tombwe iri muri ‘Territoire ya Mwenga, hari kw’igenekerezo rya ndwi uku kwezi kw’icenda. Ubu zikaba zasubiriye.

Bwana Mukiza avuga ko Leta yarungitse ingabo muri ako karere kugira ngo zigarukane ituze, akibaza ko mu minsi mikeya abahunze bashobora gusubira mu zabo.

Izo ntambara ziva kuki?

Umunyamakuru wa Radio Televiziyo y’igihugu ca Congo, Mahoye Madiba Issa, ari mu karere ka Fizi, avuga ko izo ntambara zari zacureshe.

Ibi vyabaye inyuma y’aho abategetsi batari bake, harimwo abaserukira MONUSCO bagendeye ako karere kugira ngo basukemwo mabisi.

Ingwano ariko avuga ko zasubiriye busha muri iyi minsi n’abantu bakaba bataye ivyabo barahunga.

Aka gace kama mu ruhagarara rushingiye ku moko kuva mu myaka ya 1960.

Bwana Mukiza avuga ko kuva kera ubutegetsi butashoboye guhagarika izo ntambara.

Ati: “Ni Abanyamulenge barwana n’abaturanyi babo b’Abafulero, Ababembe n’Abanyindu. Ni ikibazo kigenda kigaruka kigafata isura y’amoko”.

“Ibintu bija kwunyurwa n’abanyepolitike babironderamwo inyungu zabo ari nabo bateranya abanyagihugu bafatiye ku moko”.

Iyo mirwano yasubiye kwaduka yatumye abantu ibihumbi bahungira mu bice bitandukanye vy’igihugu, abandi nabo bahungira mu bihugu bibanyi.

Bwana Mukiza avuga ko ku mugwa mukuru wa komine Minembwe honyene habarizwa impunzi zingana na 49.500 ahanini bagizwe n’Abanyamulenge.

Avuga ko hari n’igitigiri kitari gito kigizwe n’Abafulero, Ababembe n’Abanyindu bahungiye mu karere ka Fizi.

Avuga ko izo mpunzi ziri mu ngorane akomeye kubera bigoye ko imfashanyo zibashikira kubera amabarabara atameze neza.

Exit mobile version