Prezida Mnangagwa yavuze ko uwahoze ayobora Zimbabwe, Mugabe w’imyaka 94 ntagishobora gutambuka kubera amagara amukitse. Yongeyeko ko Mugabe ariko aravurirwa muri Singapuru ingwara itamenyeshejwe ubu haraciye amezi abiri.
Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu kandi yaragize ingendo nyinshi zo kwivuza muri ico gihugu mu misi ya nyuma y’ubutegetsi bwiwe. Mnangagwa yabaye umukuru w’igihugu haraciye umwaka inyuma y’aho Mugabe akuriwe ku butegetsi n’igisirikare.
- Harasabwa ko izina rya Mugabe risibwa ku kibuga cy’indege muri Zimbabwe
- Umugambwe wa Zanu-PF watsindiye intebe nyinshi mu nama nshingamateka
- Mugabe yahamagawe kwisigura ku busuma bwa Diyama
Gushika ico gihe, Mugabe yari amaze ku butegetsi imyaka 37, ubwa mbere ari umushikiranganji wa mbere, hanyuma aba umukuru w’igihugu. Ni we yari arongoye umuhari waharanira ukwishira n’ukwizana kwa Zimbabwe yatwarwa n’abazungu bari ku rushi.
Prezida Mnangagwa yariko arashikiriza ijambo abamushigikiye mu karere uwo yasubiriye avukamwo aho yavuga ivyerekeye amagara ya Mugabe. Itororokanirizo ry’amakuru rya AFP ryamusubiyemwo avuga ati:”Ubu arashaje. Muvyo ukuri ntagishoboye gutambuka, ico cose azosaba tuzogitanga.”
Igihe Mugabe yari ku butegetsi, abategetsi bavuga ko yariko aravurwa amaso, bahakana inkuru zavuga ko agwaye kansere.
Uwufise ububasha kw’isanamuREUTERSImage caption
Uretse kudashobora gutambuka, Mnangagwa yavuze ko uwo yahoze arongoye Zimbabwe ameze neza kandi ko ashobora gutahuka mu ndwi iza.
Nk’uko AFP ivyandika, prezida yongeyeko ko “Turiko turamwitaho. Ni we muvyeyi yashinze iki gihugu ca Zimbabwe. Ni we muvyeyi yazanye ukwishira n’ukwizana kwa Zimbabwe.”
Reta ni yo ivuza Mugabe.
Inyuma yo kumusubirira mu mwaka uheze, Mnangagwa yaratsinze amatora yagiyemwo impari nyinshi mu kwezi kw’indwi.