Mw’ijambo yashikirije aho yarahiza leta nshasha aheruka kugena, umukuru w’igihugu c’u Burundi yatangaje ingingo zikomeye zigamije kurwanya coronavirus.
Mw’ijambo rirenga gatoyi iminota mirongo itaru, Prezida Evariste yanavuze cane ku kibazo c’igiturire, avuga ko kigiye kurwanywa bimwe bikomeye.
Hari mu ngoro y’inama nshingamateka ahari hakoraniye abatumire batandukanye barimwo indongozi z’u Burundi hamwe n’abaserukiye ibihugu vyabo.
Nyuma yo kurahira kw’abashikiranganji bashasha bagize leta, Prezida Evariste Ndayishimiye yaciye ashikiriza ijambo aho yabahimirije guca baja ku murimo.
Coronavirus: Burundi, Kenya, Tanzania, Uganda byifashe bite?
Burundi: Abantu 40 bashasha banduye coronavirus
Burundi: Evariste Ndayishimiye ‘azarahira kuwa kane’
Yagize ati: “Uno munsi ihiganwa riratanguye. Abashikiranganji mutanguye mufise amatora angana, ariko ejo umwe wese azoba afise amanota yiwe.
“Nimukenyere zigume, urugamba rushasha ruratanguye, mwerekane ko mwatowe mu bandi bensi mubikwiye”.
Prezida Nkurunziza yibukije abo yashize muri leta batagiyemwo kubera intara, ubwoko canke imigambwe ngo yabashizemwo kubera babikwiye.
Kurwanya ikiza coronavirus
U Burundi ni kimwe mu bihugu ata mategeko ruhasha vyashizeko agamije kurwanya ikiza coronavirus, bikaba mbere vyaratumye bwiyamirizwa henshi mu makungu.
Kutabona kumwe ikibazo ca coronavirus, kwatumye u Burundi bwirukana abaserukiye ishirahamwe rijejwe amagara kw’isi OMS
Hari n’abavuze ko u Burundi bwoba bunyegeza ibitigiri nyavyo vy’abanduye uwo mugera, ariko ubushikiranganji bujejwe amagara burabihakana.
Abarongoye Leta y’u Burundi yahahora baranavuze yuko Imana ari yo izokingira u Burundi ico kiza.
Ariko ibitigiri vy’abanduye Covid-19, naho bitari hejuru mu Burundi, bibandanya kwiyongera.
Mw’ijambo ry’uno munsi, Prezida Evariste yaseye n’uwutangaza intango y’urugamba rudasanzwe kuri coronavirus, yise umwansi ruhasha.
Prezida Evariste NdayishimiyeAHAVUYE ISANAMU,REUTERS
Insiguro y’isanamu,
“Ndatanguje isekeza ryo kurwanya ikiza ca coronavirus”
Yavuze ko inyabune yahora ikoreshwa mu kurinda umutekano, igiye no gukoreshwa kuri coronavirus ngo kuko nayo ari umwansi.
Yatangaje ingingo zitandukanye ku bw’ivyo harimwo kworosha uburyo bwo kugira isuku ku banyagihugu.
Yagize ati: “Turasavye umurundi wese, hamwe n’umunyamahanga ari muri iki gihugu guhaguruka kuko akatavuga ntigahenda akavuga.
“Ubwa mbere mu kurwanya ico kiza, umwe wese afate ingingo zimwerekeye abona ko zituma atandura canke ngo yaduze uwundi.
“Bisaba umwitwarariko w’umwanya ku mwanya. Ntawuguhimiriza, ihimirize wewe nyene, ukurikize amategeko yose ubushikiranganji bujejwe amagara bugire bumanike mu bibanza vyose bihuriramwo abantu.”
Mu kworohereza abanyagihugu bato bato kwitwararika isuku, Prezida Ndayishimiye yavuze ko igiciro c’isabuni kigabanijwe ko ibice 50%, abazihingura ababwira ko batogira ubwoba kuko ico kindi gice ari leta izokiriha.
Yaciye agabisha abazokwikika mu kiza bakayishora hanze, ko bazofatwa nk’abakingira ikibaba coronavirus.
Nayo mu bisagara vy’imirwa mikuru y’intara, Prezida Ndayishimiye yavuze ko amazi agiye kugabanywa igiciro gushika igihe ikiza ca coronavirus kitazosubira kurangwa mu Burundi.
Kurwanya igiturire
Prezida Ndayishimiye yavuze ko ikibazo c’amoko cari carazingamitse u Burundi kitakiri ikibazo, ko ahubwo urugamba rushasha ari urw’igiturire.
Yavuze ko ico gikorwa kizoraba buri muntu wese, agabisha ba kaboko ko atawuzosubira kurya ivyo atakoreye.
Yagize ati: “Murabona ko ata bushikiranganji bujejwe kurwanya igiturire nashizeko. Ni jewe nzovyirabira”.
Yongeye ko yuko muri buri komine hazoshirwako udusandugu two gushikiriza ivyiyumviro no kurega mw’ibanga.
Ngo kandi ibizoshirwamwo ngo bizorabwa n’uwo we nyene yatumye.
BBC