Umupfasoni Denise Nkurunziza asizwe na Pierre Nkurunziza yahoze arongoye u Burundi yagize inkomezi zo kuvuga ijambo mu kumusezera ubwa nyuma mu kibuga Ingoma c’i Gitega, avuga ko umugabo wiwe aherekejwe n’imirimo myiza yakoze.
Umupfasoni Nkurunziza mu kwezi guheze yari yajanywe muri Kenya kuvurwa indwara itatangajwe agaruka mu gihugu haciye umunsi umwe leta imenyesheje ko umutambukanyi wiwe yashengeye mu ndwi zibiri ziheze.
Ku kibuga ingoma cuzuye abantu ibihumbi, umushikiranganji wa mbere wa Tanzania Kassim Majaliwa eka n’umutambukanyi wa perezida wa Zambia mu bashitsi bakuru, Madamu Nkrunziza yabashije kugira ico ashikirije mu izina ry’umuryango.
Yavuze ko ijambo ryiwe ari “ugukengurukira Imana ku gitangaza yadukoreye inyuma y’uko tubuze, ubwanje umukunzi, abana bakabura umuvyeyi”.
Yashimye Imana ko yabahaye inkomezi kuko ari igitangaza mu bihe bigoye nk’ivyo barimwo.
Ati: “Kubura umuntu mu mwanya mutoya wari ugikunze kubana nawe ntibiba vyoroshe, ariko mu muryango Imana yaduhaye inkomezi zo guhagarara muri bino bihe”.
Yashingiye ku majambo yo muri Bibiliya avuga aho bakuye inkomezi, avuga ko iki cari igihe ciwe co kugenda akaba mbere asaba buri wese gutegura nawe igihe ciwe.
Imirimo myiza
Umupfasoni Nkurunziza yasubiyemo amajambo yavuzwe na Bwana Nkurunziza ati: “Yakunze kuvuga ko ikibi atari ugupfa ahubwo ari ugupfira igihugu nabi umuryango ukawupfira nabi”.
Ati: “Nimureke dushime Imana kuko agiye atigeze aduhemukira kandi ntiyahemukiye n’igihugu, kuko iyo ahemukira igihugu twari kuba hano ariko kandi tumaramaye…”.
Abanenga ubutegetsi Bwana Nkurunziza hamwe n’abaharanira agateka ka muntu, bakunze kunenga ubutegetsi bwiwe babwagiriza guhonyanga bikomeye uburenganzira bwa muntu.
Umupfasoni Nkurunziza yavuze ati: “Indi dushimira Imana uko arangije amahoro, atapfuye urupfu rw’agashinyaguro…ikindi naco yapfiriye mu mwami, yarangije neza”.
Yavuze ko Bwana Nkurunziza yakoze ibikorwa vyiza vyinshi bimuherekeje, eka mbere ko yagize n’urupfu mu mahoro.
Tuzogumiza ikirenge mu makanda yawe – Ndayishimiye
Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuga ko we n’Abarundi bose bazokwama bakurikiza iragi abasigiye, ryo gukunda igihugu nk’uko nawe yabikoze, yishimikije abamutanguriye.
Ati: “Ntituzokumaramaza. Tuzogumiza ikirenge mu makanda ywe. Kurya nawe wagumye mu makanda y’abatuboneye izuba nka Ntare Rushatsi, Mwezi Gisabo, Rwagasore, Ndadaye n’izindi mfura z’u Burundi”.
“Jewe ubwanje ndahomvye, umuhanuzi mukuru, umwe abazwa vyose, akaba azi n’akari mu nda y’ingoma nk’uwayikanye, wa wundi amenya icasongoye ihwa”.
Kwinjira muri SADC
Bwana Kassim Majaliwa yagarutse ku bikorwa avuga ko vyakozwe na Perezida Nkurunziza, cane cane “mu kuvukanisha ibi bihugu vyompi”.
Yagarutse ku gikorwa yagiye atarangije kijanye n’ukwinjiza u Burundi mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubumanuko, SADC.
Bwana Majaliwa yagize ati: “Kimwe mu bikorwa yatanguye ariko agiye atarangije, ni igihe avugana n’umukuru w’igihugu John Pombe Magufuli wa Tanzania, umukuru w’umuryango wa SADC, asaba ko u Burundi nabwo bwokwinjira muri uyo muryango”.
“Turababaye kubona yigiriye iki gikorwa atakirangije”.
Yijeje Bwana Ndayishimiye ko Tanzaniya izomufasha kugira ngo “u Burundi nabwo bube kimwe mu bihugu bigize umuryango wa SADC.
Inyuma y’imihango yabereye mu kibuga Ingoma, ikiziga ca Nkurunziza gishingurwa mu irimbi ry’umwihariko rimaze iminsi ricubakirwa aha i Gitega.
Namara gushingurwa uyu munsi amabendera y’ibihugu vya Kenya, Rwanda, Tanzania na Uganda arongera kuduzwa gushika hejuru inyuma y’indwi zibiri aduzwa gushika mu ca kabiri mu kwifatanya n’u Burundi mu kigandaro.
BBC