Site icon Rugali – Amakuru

Pierre Buyoya na bagenziwe bavuga iki ku munyororo wo guherayo baciriwe?

Petero Buyoya na bagenziwe baherutse kwagirwa n’icaha co kugandagura umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye bariyamiriza urubanza rwaciwe na sentare y’u Burundi. Itangazo Bwana Buyoya wenyene yarungikiye BBC rivuga ko abafatiwe ibi bihano bavuga ko bafise uburenganzira bwo kwungururiza mu masentare yo mu gihugu canke mpuzamakungu.

Sentare ntahinyuzwa mu Burundi yafatiye Bwana Buyoya – yatwaye u Burundi ubugira kabiri (1987 – 1993 na 1996 – 2003) – hamwe n’abandi bantu 15 umunyororo wo guherayo. Abandi batatu baciriwe gupfungwa imyaka 20 nayo umwe yambitswe izera.

Abaciriwe urubanza bose hamwe ni 20 – benshi bahoze ari abasirikare bakuru – bane (4) muri bo ni bo basanzwe bapfunze uwundi yahora yidegemvya mu Burundi, abandi bose baba hanze. Iri tangazo rivuga ko uru rubanza rufise imvo za politiki “na rirya rwatanguye inyuma y’indyane za politike zadutse mu 2015”.

Rivuga ko urubanza rwabo “rwatanguye mu gihe igihugu cari mu ndyane zishingiye ku kiringo ca gatatu ca Perezida Pierre Nkurunziza cari giteye kubiri n’ibwirizwashingiro”. Bavuga ko intumbero y’uru rubanza “kwari ukurondera kwiyegereza abanyagihugu ku mvo za politike n’ubwoko, bitegurira amatora aheruka ya 2020”.

Bavuga kandi ko uru rubanza rwaciwe kugira ngo “bace imitima abanyagihugu mu gihe bwaca bibuka igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye”, igikorwa cabaye uyu munsi ku wa gatatu. Uru rubanza rwarigeze gutanguzwa mu mpera za 1998, ariko hafatwa abo benshi bavuze ko bari abantu bato bato cane batari kuba ari bo bateguye igandagurwa ry’umukuru w’igihugu.

Mu 2019 Leta yasohoye imitahe yo gufata abari abasirikare bakomakomeye hamwe na Bwana Pierre Buyoya, intumwa y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu karere ka Sahel, ubu uba muri Mali. Aba bipfuzwa n’ubutungane ntibigeze bafatwa n’igipolisi mpuzamakungu ngo bashikirizwe u Burundi, ntibizwi neza niba icemezo gishasha ca sentare kizotuma bafatwa.

Iyi sentare yategetse kandi ko bose hamwe bishura hafi imiliyaridi 103 z’amafranga y’u Burundi, ku bushake bwabo canke ku nguvu. Aba baciriwe urubanza bavuga ko kuva mu ntango batigeze bahabwa uburenganzira bwo guserukirwa na rirya basanzwe “baba hanze kubera imvo z’umutekano wabo”.

Bavuga ko abashikirizwamanza mpuzamakungu babo “leta yabigije inyuma ibima impusha zo kwinjira mu Burundi kugira ngo bababuranire”. Itangazo ryabo rivuga ko urwo ari urubanza ruteye kubiri n’amategeko.

BBC Gahuza

Exit mobile version