Site icon Rugali – Amakuru

Pierre Buyoya mu bantu 17 u Burundi bwifuza guta muri yombi kubera urupfu rwa Ndadaye

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi kuri uno wa gatanu yasohoye imitahe mpuzamakungu y’abantu 17 bakekwa kuba baragize uruhara mw’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye, barimwo Petero Buyoya yigeze kuyobora Uburundi, abahoze mu gisirikare n’abigeze kuba mu nzego z’umugambwe Uprona.

Umushikirizamanza Sylvestre Nyandwi asigura ko amatohoza yakozwe n’ubushikirizamanza yerekanye ko abo bantu 17 bose bagize uruhara mw’itegurwa n’ishirwa mu ngiro ry’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye na bamwe mu bari muri reta yiwe.

Abajijwe ikibazo co kumenya nimba bizokoroha ko iyo mitahe ikora kandi Uburundi bwaravuye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI, Nyandwi yishuye ko uruhara runini rufiswe n’ibihugu abo bantu barimwo kandi ko yizera ko bazobatanga.

Abandi basohorewe imitahe hambavu ya Buyoya ni Pascal Simbanduku, Alfred Nkurunziza, Mamert Sinarinzi, Jean Bosco Daradangwe, Bernard Busokoza, Vincent Niyungeko, Juvenal Nzosaba, Jean Ngomirakiza,Jean-Paul Kamana, Charles Ntakije, Astere Girukwigomba, Libere Bararunyeretse, Luc Rukingama, Charles Mukasi, Antoine Nduwayo na Janvier Baribwegure yitavye Imana.

Alphonse Marie Kadege yigeze kuba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu nawene ari mu baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi muri iyo dosiye ya Ndadaye nkuko Nyandwi Sylvestre yabisiguye, umutahe wiwe uzosohoka umwanya n’umwanya ubutungane buhejeje gutororokanya umwidondoro wiwe ukwiye.

Imitahe yo kuri uno wa gatanu isohotse inyuma y’uko ku munsi wa gatandatu ubutungane bw’Uburundi bufatiye abandi bane b’abakukuruke mu gisirikare bubagiriza iyo dosiye nyene y’igandagurwa rya Perezida Ndadaye. Bompi uko ari bane bari mu mvuto.

Perezida Melchior Ndadaye afatwa nk’incungu ya demokarasi yagandaguwe igenekerezo rya 21 ukwezi kwa cumi mu 1993, inyuma y’amezi ane ari ku butegetsi.

Inkuru yateguwe Raymond Nzimana akorera Ijwi ry’Amerika i Bujumbura

Exit mobile version