Umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Museveni yavuze ko “vyomuhimbara” kuja mu biganiro hamwe n’abatavuga rumwe nawe.
Yashikirije ayo majambo atanguza komite ijejwe gutunganya ibiganiro vy’igihugu, vyokwigigwamwo ibibazo bihanze igihugu ku neza ya bose.
Ivyo biganiro vyoshimikira no ku kibazo c’amoko n’intara hamwe no ku kibazo c’iterambere.
Abarongoye amashirahamwe ategamiye leta afise amakenga ko uburongozi bwa Perezida Museveni – co kimwe n’ubw’abo yasubiriye – ko butazorangira mu mahoro.
Ariko Bwana Museveni avuga ko atarajwe ishinga n'”utubazo dutoduto nkutwo”, ko ico ashira imbere ari umutekano urama n’iterambere rya Afrika yose.
Iyo komite nshasha yatangujwe igiye gushinga ikirangaminsi n’urutonde rw’ibikenewe muri ivyo biganiro bitegekanywa gutangura mu kwezi kwa Gatatu mu mwaka uza.