Site icon Rugali – Amakuru

Perezida Nkurunziza w’u Burundi avuga ko ‘ibisigaye bizokorwa n’abazomusubirira’

Umukuru w’igihugu c’u Burundi, Petero Nkurunziza avuga ko imigambi yari yishinze imaze gushirwa mu ngiro ku rugero rutari ruto.

Mw’ijambo yashikirije kuri uyu munsi yibuka imyaka ine ashikirijwe amabanga yo kurongora u Burundi Perezida Nkurunziza avuga ko agiye “kuvyihwabira muri iyi minsi isigaye imbere y’amatora”.

Bwana Nkurunziza yaramaze kumenyesha ko atazosubira kwitoza ngo yongere kurongora igihugu.

Ingingo yo gusubira kwitoza mu kiringo ca gatatu mu mwaka wa 2015, yariyamirijwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’amwe mu mashirahamwe avuga ko adaharanira ivyicaro vya politike.

Abo bavuga ko vyari biteye kubiri n’ibwirizwashingiro ry’u Burundi hamwe n’amasezerano y’amahoro y’amahoro ya Arusha mu mwaka wa 2000.

Iyo ngingo yatumye haduka imiyerekano yagiye kuvamwo imigumuko, yatumye abantu bashika 1200 bahasiga ubuzima, abandi bagera ku 400.000 barahunga, nk’uko bivugwa na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yatanguje amatohoza.

Kubwa Bwana Nkurunziza, abateguye iyo myiyerekano bari bafise intumbero yo kuburagiza amatora.

Abarundi barishira barizana

Mw’ijambo ryiwe uyu munsi, Bwana Nkurunziza yavuze ati “ubugizi bwa nabi bwaragabanutse ku rugero rushimishije, abarundi barishira barizana ijoro n’umutaga, abahunze igihugu barahunguka ku bwinshi”.

Aravuga kandi ko umwimbu wiyongera mu bisata vyose; uburimyi n’ubworozi, ubutare n’agataka… Yemeza ko ibi vyatumye u Burundi bushobora kwibako mu gutunganya imigambi ku rugero rw’ibice 85%.

Ibanki y’isi yoyo, ivuga ko u Burundi bugifise ingorane zo kubona amahera yo gutunga igihugu no gushira mu migambi y’iterambere, hamwe no kubura bikomeye amafaranga y’agaciro.

Ntazokwitoza 2020′

Mu mwaka wa 2018, leta y’u Burundi yarahinduye ibwirizwashingiro, aho abatari bake babona ko yariko ategura inzira yo gusubira kwitoreza ikindi kiringo.

Hagati aho, mw’ijambo yashikirije ku munsi wo gutangaza icese iryo bwirizwashingiro rishasha, Bwana Nkurunziza yatangaje benshi mu kumenyesha ko atazosubira kwitoza.

Mw’ijambo ryo kuri uyu wa 20 z’ukwa munani, yasubiye kwumvisha ko atazosubira kwitoza, aho yavuze ati “ibizoba bisigaye navyo bizokorwa n’abazodukorera mu ngata”.

https://www.bbc.com/gahuza/49408527

Exit mobile version