Ibitekerezo byanje: Biratangaje cyane kandi birababaje kubona haduka ico bise operation SUKULA II igiye kuba ngo batahukane abarwanyi ba FDLR batuye mu gihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Congo ku nguvu.
Igitangaje ni uko vyose ari Paul Kagame abisaba akoranye na MONUSCO isanzwe ikoresha ibice 70 k’ijana by’amafaranga ya Reta zunze ubumwe za Amerika isanzwe ikoresha Paul Kagame na Mossad imurinze.
Ntanumwe atazi ko Paul Kagame ariwe ariko aratera ibibazo mu karere k’ibiyaga bigari kugira ngo yigungire ubutegetsi, agaca yitwaza ico yise « Genocide » mu ntumbero yo kudafungura inzirakarengane zimurwanya, zanse intwaro y’igikenye nka Victoire Ingabire Umuhoza, n’abandi byagendanye bakiri ku rugamba batakimwemera. Muri abo novuga generari Frank Rusagara na bagenziwe.
Gushika uno musi n’iyi saha birazwi ko Ubutegetsi bwa Kagame buhabwa infashanyo zose zari kuronka Uburundi mu ntumbero yo kubutera umutekano muke bishobotse bagatemagaza intwaro ya Prezida Petero Nkurunziza.
Nagomba ndabibutse ko ishirahamwe CIRGL ryasavye rishimitse ko hoba amatohoza ku byagirizo vy’Uburundi bivuga ko hari imyimenyerezo ya gisirikare y’impunzi z’Abarundi iriko ibera mu butaka bw’Urwanda , Paul Kagame akavyanka.
Ikindi kivurwa ni uko hari ibirwanisho umukuru w’igihugu ca Koreya yepfo n’amafaranga yoba yarazanye gufasha guhungabanya umutekano mu kerere k’ibiyaga bigari. Uwo nawe akaba yashikiye mu gihugu ca Ouganda haheze imisi ibiri, akaba aganuka uno musi. Inkuru yadushikiriye ni uko aho nyene mu gihugu ca Ouganda yoba yarabonanye n’abaserukira abajura badurumbanya m’ Uburundi.
Birabandanya