Site icon Rugali – Amakuru

Nyuma yo gupfungirwa mu Rwanda yageze mu Bwongereza

Umupfasoni Violette Uwamahoro yasubiranye n’umuryango wiwe inyuma y’igihe yari amaze apfungiye mu Rwanda, aho yafatiwe akekwa ko ivyaha birimwo gushaka gushinga umugwi witwaje ibigwanisho.

Ifatwa rya Violette Uwamahoro mu gihe yari agiye gushingura umuvyeyi wiwe, kwiyamirijwe na bamwe mu mashirahamwe aharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu, kumwe n’umuryango wiwe.

Umuryango wiwe watabaje leta y’Ubwongereza kugira ico ifashije ngo uwabo ave muco bise ‘ako karenganyo’.

Violette Uwamahoro, umugabo wiwe n’abana biwe babiri
Umupfasoni Violette Uwamahoro yasubiranye n’umuryango wiwe inyuma y’igihe yari amaze apfungiye mu Rwanda, aho yafatiwe akekwa ko ivyaha birimwo gushaka gushinga umugwi witwaje ibigwanisho.

Ifatwa rya Violette Uwamahoro mu gihe yari agiye gushingura umuvyeyi wiwe, kwiyamirijwe na bamwe mu mashirahamwe aharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu, kumwe n’umuryango wiwe.
Umuryango wiwe watabaje leta y’Ubwongereza kugira ico ifashije ngo uwabo ave muco bise ‘ako karenganyo’.

Abana ab Violette Uwamahoro bari bandikiye perezida Paul Kagame basaba kurekura nyina
Umuvugizi wo mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubwongereza n’amakungu yavuze mu kwezi guheze ko ubuserukizi bw’ico gihugu buri i Kigali bwariko buvugana n’abategetsi ku kibazo c’uwo mukenyezi.

Mu kwezi guheze niho Violette Uwamahoro yahabwa uburenganzira bwo kurekugwa vy’agateganyo akaburana yidegenvya.
Ariko kandi ubutungane buvuga ko bubona ata vyagiriji bifashe bishigikira ibirego yari afise.
Ntawuzi nimba Ubwongereza bwarafashije kugirango ashobore kuva mu Rwanda.

BBC.COM

Exit mobile version