Site icon Rugali – Amakuru

Umugabo ahindukira mu buriri ntahindukira ku ijambo”, ibi nibya Kagame naho Nkurunziza yanze!

Nubwo hari benshi babimusaba’ Nkurunziza ngo ntazasubira kwitoza mu 2020.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu avuga ko Perezida Petero Nkurunziza adashobora kwisubirako ngo yitoze mu matora ategekanijwe mu mwaka uza wa 2020, nubwo hari ababimusaba.

Jean-Claude Karerwa avuga ko abantu baririmba canke basaba ko Perezida Nkurunziza yosubira akitoza ari ivyiyumviro vyabo ataco bishobora guhindura ku ngingo yamaze gufata.

Mu 2018, leta y’u Burundi yarahinduye ibwirizwashingiro, aho abatari bake babona ko yariko ategura inzira yo gusubira kwitoreza ikindi kiringo.

Mw’ijambo yashikirije ku munsi wo gutangaza icese iryo bwirizwashingiro rishasha, Bwana Nkurunziza ku nshuro ya mbere yamenyesheje atazosubira kwitoza.

Haciye iminsi hari abaririmba irya n’ino mu gihugu basaba Perezida Petero Nkurunziza ko yosubira kwitoza akabandanya arongoye u Burundi.

Mu kiganiro n’abanyagihugu kuri uyu wa gatatu, umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Jean-Claude Karerwa, yavuze ko ureste abo babiririmba, ko hari n’ababimusaba babicishije mu nzandiko.

Ati: “Ni ibisanzwe ko abantu bakunda umuntu, ariko kandi nagira menyeshe ko hariho n’abatipfuza y’uko yobandanya ari umukuru w’igihugu.

“Uko bimeze rero ntihagire abazoza barumviriza ivyo abantu baririmba, nta wuzobuza abantu kuririmba n’ugushikiriza ivyiyumviro vyabo kuko ni uburenganzira bwabo”.

Nkurunziza ntashobora kwisubirako?

Bwana Karerwa yabajijwe nimba Perezida Nkurunziza adashobora guhindura ingingo mu gihe hoba abantu benshi bamusaba gusubira kwitoza.

Yishuye ati: “Nta na kimwe bihindura ku ngingo umukuru w’igihugu yafashe kugeza kuri uno mwanya turiko turavugana”.

Mu gihe hari abibaza ko umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ushobora kubura uwitoza kugira ngo amusubirire, Bwana Karerwa avuga ko ivyo bidashoboka.

Ati: “Ntihagire uwiyumvira canke ngo arote ko umugambwe CNDD-FDD ushobora kubura abitoza, si nkekeranya, umugambwe urafise abipfuza kurongora igihugu benshi”.

Prezida Pierre Nkurunziza arongoye igihugu c’u Burundi kuva mu 2005, mu 2015 yitoreza ikindi kiringo ca gatatu ciyamirijwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, ivyatumye igihugu cinjira mu ndyane za politike.

Raporo y’umuryango mpuzamakungu ONU yakoze amatohoza yasohotse mu ndwi iheze ivuga ko perezida w’u Burundi ubwiwe yobazwa n’amategeko ivyaha bihonyanga agateka ka zina muntu abakoze aho matohoza babonye mu Burundi.

Ubutegetsi bw’u Burundi bwavuze ko ibivugwa n’iyi raporo ata shingiro bifise kandi atari ivy’ukuri.

https://www.bbc.com/gahuza/amakuru-49829265

Exit mobile version