Site icon Rugali – Amakuru

Nta coup d’état yamara umunsi muri Uganda – Muhoozi

Umuhungu w’umukuru w’igihu ca Uganda, Yoweri Museveni, avuga yuko igisoda c’ico gihugu vyogitwara umunsi umwe gusa mu guhasha abogerageza gutembagaza ubutegetsi nka kurya vyagendeye Prezida wa Guinea Alpha Condé. Lt Gen Muhoozi Kainerugaba, asanzwe ari umugaba w’igisirikare kirwanira ku butaka, yanditse mu butumwa kuri twitter yuko abasoda bagumutse “boshirwa ku murongo”.

Muri ubwo butumwa yashizemwo n’ifoto ya Col Mamady Doumbuya, intwazangabo yayoboye itembagazwa ry’ubutegetsi muri Guinea. Mu ndwi iheze, Perezida Museveni yahamagariye abatembagaje ubutegetsi muri Guinea “kuvako”, avuga ko ivyo bakoze ari “ugutera intambwe inyuma”. Yabariye igitangazamakuru France 24 ati “Vyarashika mu myaka 1960 – vyari mu bigize ibibazo vya Afrika rero iryo tembagaza ry’ubutegetsi ndaryiyamirije”.

Alpha Condé – Prezida wa Guinea yari mu kiringo ca gatatu – yatembagajwe ku butegetsi itariki 5 z’uku kwezi n’abasirikare bagize urwego kabuhariwe, bamwagiriza intwaro mbi hamwe n’igiturire.

Iryo tembagazwa ry’ubutegetsi ryariyamirijwe cane n’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, ariko abanye Guinea benshi barerekanye ko bashigikiye gukurwako kw’uwo mukuru w’igihugu w’imyaka 83, ariko bagahimiriza igisirikare kugarukana ubutegetsi bw’igisivile.

BBC Gahuza

Exit mobile version