Site icon Rugali – Amakuru

Ninde uha imbunda aba Mai-Mai barimo gutera Abanyamulenge muri RDC?

RDC: Abanyamulenge Barahunga Ibitero vy’Aba Mai-Mai. Abakongomani bo mu bwoko bw’abanyamulenge bagera kuri 39 baraye ijoro rya mbere ryo kuri uyu wa kane imbere y’ibiro vya komine Rugombo y’intara ya Cibitoke.

Abo banyamulenge bagizwe n’imiryango umunani babwiye Ijwi ry’Amerika ko bahunga intambara n’ubugizi bwa nabi bavuga ko bagirirwa n’abagwanyi b’aba Mai-Mai mu kubaturirira amazu no kubanyaga ibitungwa.

Umunyamabanga wa musitanteri wa komine Rugombo, Niyonzima Ulimwenngu, avuga ko izo mpunzi zaje ziva hakurya ya Rusizi, zishitse ku butaka bw’Uburundi zakirwa kandi zigafashwa.

Izo mpunzi zishasha z’abakongomani zisanze mu Burundi izindi zigera ku bihumbi 45.100 nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryitaho impunzi kw’isi.

Inkuru y’umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika mu ntara ya Cibitoke Evariste Nzikobanyanka.

Exit mobile version