Mu mareresi yakwiragijwe na IS ku mbuga ngurukanabumenyi, abo barwanyi berekanwa biyambariye ibitambara bitukura mu mutwe vyerekana ko baba biteguriye igitero gikomeye.

Bari bafise kandi umunezero mwinshi cane kubona bashoboye gukora ico gitero mu mpande zitandukanye z’igisagara, bituma basumvya inguvu ingabo za reta ya Mozambique.

Uyu muvyeyi Aida Cisto w'imyaka 29 yahunze ava Palma, akaba yafashwe isanamu amaze imisi ine mw'ishamba ari kumwe n'uruhinja rwiwe, Jacinta da Esperanca, rwari rumaze ukwezi kumwe gusa, yashitse ku kibuga c'indege ca Pemba, Mozambique, ku wa 30 z'ukwa gatatu 2021
Abanyagihugu b’i Palma barahungishijwe bajanwa ku kivuko co mu gisagara ca Pemba inyuma y’igitero c’inyeshamba

Olivier Guitta, umuhinga mu bijanye na politike y’isi mu kigo GlobalStrat akaba n’umuhinga mu bijanye n’intambara zishingiye ku vyiyumviro bikaze vy’abiyitirira Islam muri Afrika, avuga ati:

“N’aho ari inyeshamba zamuka muri ako karere, al-Shabab yarashoboye kugiriranira imigenderanire n’imirwi y’abarwanyi b’abasilamu muri Afrika y’Ubuseruko. Abategetsi b’idini ni bo bahagarikiye imyimenyerezo y’insoresore zo mu buraruko bwa Mozambique. “

None bisaba iki kugira ngo bashobore gutsindwa muri ino ntambara?

Inyishu isanzwe ni uko hongerezwa inguvu zisumba izisanzwe zihari ubu.

Imaze kubona ko ari ikibazo gikomeye, reta ya Mozambique yifashishije “abahanuzi” mu vya gisirikare b’abarusiya barenga 200 bo muri kompanyi yigenga karuhariwe ya gisirikare y’Uburusiya, yitwa Wagner Group, hari mu kw’icenda 2020.

Aba basirikare bahoze mu ngabo zidasanzwe z’Uburusiya barashimwa cane n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ku bikorwa bakoze muri Syria, Libya n’ahandi.

Baje bazanye za ndege zitagira abadereva (drones) hamwe n’abahinga mu bijanye n’ugutata, ariko nkuko Olivier Guitta abivuga, ibintu ntivyagenze uko bari bavyiteze.

Ati: “Inyuma y’imitego itari mike bagiye bagwamwo maze abarenga cumi muri bo bagasiga ubuzima mu ntambara zitandukanye zabahuje n’abo barwanyi mu mashamba y’intara ya Cabo Delgado, vyabaye ngombwa ko aba barusiya basubiza ibirenge inyuma”.

Ingorane nyamukuru yibonekeza cane ni inzego z’umutekano za Mozambique ziboneka ko ata nguvu zifise, kumbure kandi n’abategetsi mu vya politike bakaba batazibona neza.

Brigadier Ben Barry wo mu kigo c’ubushakashatsi mu bijanye n’imigenderanire, International Institute for Strategic Studies (IISS), co mu Bwongereza, avuga ko inyeshamba za IS zerekanye ko zifise ubushobozi bwo kurwana mu turere barimwo, ibi bigatera ibibazo Mozambique n’incuti zayo.

“Zisa n’uko ata bufasha zironka bwo mu bihugu vyo mu burengero bw’isi, kandi ko ata bushobozi zifise bwo gukoresha indege z’intambara, ibirwanisho ntahusha na vya bimodoka vy’intambara, ibi vyose bikaba ari vyo vyashoboye kwomora abarwanyi ba IS mu bisagara vya Iraq na Syria”.

Abanyagihugu barataye izabo, abenshi bakaba basize amazu yabo yabomowe, muri ino ntambara imaze imyaka itatu muri Mozambike
Abanyagihugu barataye izabo, abenshi bakaba basize amazu yabo yabomowe, muri ino ntambara imaze imyaka itatu muri Mozambique

Mu misi iheze, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika (Pentagon) bwararungitse akarwi gatoya k’abigisha badasanzwe ba gisirikare (Green Beret Special Forces) kugira ngo bafate mu mugongo utwigoro tw’igisirikare ca Mozambique.

Eka na Portugal nayo, igihugu c’igikoloni cahoze gitwara Mozambique, nayo nyene yaremeye ko igiye kurungika abahinga bakeya ba gisirikare kwigisha.

Ku ruhande rwabwo, Ubufaransa aho butuye mw’izinga ryabwo rya Mayotte riri hafi ya Mozambique, buvugwa ko buriko bukurikiranira hagufi ingene ibintu bimeze, nayo Afrika y’Epfo ikaba iriko yihweza ingene ibintu bimeze muri ico gihugu kibanyi. Ibona ko mu gihe ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyogira uruhara runini muri ico gihugu, vyoyigirako ingaruka mbi.

Benjamin Petrini, umushakashatsi muri IISS, agira ati: “Nk’uko twabibonye ahandi mu buraruko bushira uburengero bwa Afrika, mu gihe amahanga yorungika ingabo nyinshi, bishobora gutuma indyane za politike n’imigumuko vyiyongera”.

Ariko yongera ko y’uko “uruhara rwa Afrika y’Epfo [ingabo zayo zarafashije kurokora abakozi bari bazibiriwe mu gitero giheruka] nk’igihugu gifasha mu gutsimbataza amahoro mu karere rushobora kuba ngirakamaro”.

IS isanzwe ikoresha iterabwoba mu bikorwa vyayo. Mu gihe al-Qaeda yoyo, n’aho yica, akenshi igerageza kwiyegereza abanyagihugu b’ubuturere ikoreramwo, ariko aba bobo bakorera ivyaha vy’agahomerabunwa abanyagihugu baba aho ikorera, mu kwica no gukerera abasivire itavangura.

Mu gitero kimwe cakozwe uno mwaka, nta mpuhwe na nkeya bumviye umwana w’umuhungu w’imyaka 11 mu kumwicira imbere ya nyina wiwe.

Mu ntango, ibi bituma uyu murwi utinywa, ukaboneka ko udashobora gutsindwa, ariko impera n’imperuka uza kuboneka ko ataho ushobora gushika kubera abanyagihugu batawushigikiye.

Muri Mozambique hashobora kuba ikintu gisa n’ico. Inguvu za gisirikare zonyene ntizishobora kurwanya iterabwoba, ni ngombwa habe ikintu ciswe “kwigarurira imitwe n’imitima”.

Rero kugira ngo izi nyeshamba zituzwe, ni vyo ko mu ntango hazokenerwa ko ingabo za Mozambique zo nyene ubwazo zitunganya kandi zigategura neza imikenyuro nyayo, zifashwe mu mugongo n’amakungu. Ariko kugira ngo ibi bishobore gushika ku kintu, ni ngombwa ko hakorwa n’ibindi bisumba ivyo.

Inyeshamba zimaze igihe zirwanya igisirikare ca Mozambike hafi y'akarere ka Palma
Inyeshamba zimaze igihe zirwanya igisirikare ca Mozambique hafi y’akarere ka Palma

Ni ngombwa ko haba intwaro ibereye hanyuma abanyagihugu b’ako karere bagatunganirizwa mu bintu bitari bike: amashure, amabarabara n’akazi – ibi vyose bikaba ari nkenerwa kugira ngo bahumurize abanyagihugu babona ko bibagiwe na reta mu gihe amakompanyi mvamahanga ari uruja n’uruza mu kurondera inyungu zivuye mu butunzi kama bw’igihugu cabo.

Muri Afghanistan, ingabo z’igihugu n’iza OTAN/NATO zagiye zitsinda abarwanyi b’aba Taliban ariko mu nyuma biba impfagusa kubera intwaro mbi. Uturere twari twabohojwe mu nyuma twagiye gusubira mu minwe y’aba Taliban ingabo zimaze kugenda kubera abaporisi n’abategetsi ba reta biziziwe n’ibiturire baciye basubira mu ngeso zabo z’ibikorwa bibi bakorera abanyagihugu.

Ibi ni vyo bishobora gushika muri Mozambique mu gihe ibikorwa vya gisirikare bitoshigikirwa n’ibindi vy’iterambere ku banyagihugu.

None…?

Aba barwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze biyitirira Islam bo muri Mozambique basa n’abashaka kwigarurira akarere bagashinga ubutegetsi bushingiye kw’idini rya Islam mu ntara ya Cabo Delgado, nk’uko nyene IS yabikoze i Mosul muri Iraq mu 2014.

Kuba bashobora kwigarurira aka karere kose ka gaze gafise igiciro ca miriyaridi 60 z’amadorari ni ibintu bititezwe.

Abanyagihugu b'akarere ka Pemba bamaze igihe barindiriye ko ababo bahungishijwe mu karere ka Palma bagaruka
Abanyagihugu b’akarere ka Pemba bamaze igihe barindiriye ko ababo bahungishijwe bava mu karere ka Palma bagaruka

N’aho bitaboneka neza ingene boshobora gucunga no kudandaza iyi gaze hanze mu nzira zisanzwe, vyobaha inguvu nyinshi, bagashobora kuronka uburyo bwo gutegura ibindi bitero, mbere bakanarungika amafaranga mu bihugu IS isanzwe ifisemwo ibirindiro vyayo muri Iraq na Syria.

Vyafashe imyaka itanu, n’abantu isinzi bagandaguwe, kugira ngo ibihugu 83 bishobore gutsinda IS muri Syria. Imaze gutsindwa, amakungu yiyemeje ko IS itosubira kuronswa agahengwe ko gusubira kwiyubaka ngo yigarurire akarere.

Hagati aho, mu gihe izi nyeshamba zo muri Mozambique zitotsindwa muri ino ntambara, ivyo ibi bihugu vyiyemeje birashobora kuba umugani.

Source: BBC